Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 3:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Abasoda na bo nyene baramubaza bati: “Tweho dukore iki?” Arabishura ati: “Ntihakagire abo munyaga utwabo kandi ntihakagire uwo mudendereza. Mubumbwe n’impembo zanyu.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 N’abasoda baramubaza, bati Tweho tugire dute? Arabishura, ati Ntihakagire umuntu mutangisha impongano canke mwagiriza ibinyoma, kand’ ingero zanyu zibabumbe.

Gade chapit la Kopi




Luka 3:14
15 Referans Kwoze  

Ibi sindabivugishijwe n’ubukene, kuko muri vyose namenyereye kubumbwa n’ivyo mfise.


Ariko Zakayo arahaguruka, abarira Umwami Yesu ati: “Mwami, ngira mfate ica kabiri c’ivyo ntunze ndakigaburire aboro, kandi nimba hari uwo nivye, ndabimuriha incuro zine.”


Nca numva ijwi rirenga rivuye mw’ijuru, rivuga riti: “Noneho agakiza, ububasha n’Ubwami vy’Imana yacu, n’ubushobozi bwa Kristo wayo vyashitse. Kuko umurezi wa bene Data, uwabarega imbere y’Imana yacu ijoro n’umurango yakororewe hasi.


Abatamakazi na bo ubigishe kubaho batinya Imana, kutavuga abandi nabi kandi bataboshwe no gukunda umuvinyu, ariko bigishe abandi gukora ivyiza.


kugira ngo mubeho mutagira umugayo, mugororotse, mube abana b’Imana batagira agatosi mu bantu b’iki gihe bagoramye kandi bononekaye, abo mubonekamwo mwakaka nk’inyenyeri zo kw’ijuru.


Wa mumarayika baganira amaze kugenda, Koruneliyo aca ahamagara babiri mu bakozi bari kumwe n’umusoda yubaha Imana, yari umwe mu bamugendanira.


Yesu ashitse i Kaperinawumu, umusoda mukuru mu gisoda c’Abaroma aza aho ari, aramwinginga ngo amufashe.


Abantu benshi bari ngaho baramubaza bati: “None dukore iki?”


Arabishura ati: “Ntimugatoze ibirengeye ivyemewe n’amategeko.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite