8 Nuko baca baribuka amajambo yavuze.
8 Bibuka ya majambo yiwe,
Ariko Umwitsa, ari we Mpwemu Yera, uwo Data azorungika mw’izina ryanje, azobigisha vyose yongere abibutse ivyo nababwiye vyose.
Abigishwa ntibatahuye ubwo nyene ibiriko biraba. Ariko Yesu amaze kwinjira mu bwiza bwiwe, ni ho bibuka ko ivyo bamukoreye vyari vyaranditswe kuri we.
Bagarutse bavuye ku mva, bashika babarira bamwe cumi n’umwe n’abandi bose ivyabaye vyose.