Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 24:52 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

52 Baca barapfukama baramusenga, hanyuma basubira i Yerusalemu buzuye umunezero mwinshi.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

52 Na bo baramusenga, basubira i Yerusalemu bafise akanyamuneza kenshi,

Gade chapit la Kopi




Luka 24:52
11 Referans Kwoze  

Ubwo nyene, Yesu aca ahura na bo arabaramutsa. Na bo baramwegera bamufata ku birenge baramusenga.


Ni ko bimeze no kuri mwebwe: Iki ni igihe canyu c’umubabaro, ariko nitwasubira kubonana imitima yanyu izonezerwa, kandi nta n’umwe azoshobora kubatwara umunezero wanyu.


Uwo Yesu muramukunda naho mutigeze mumubona, kandi muramwizera naho mutamubona. Ni co gituma mwuzuye umunezero amajambo adashobora gusobanura,


Toma aramubwira ati: “Mwami wanje, Mana yanje!”


Mwibuke ivyo nababwiye: Ngiye kugenda ariko nzogaruka aho muri. Iyo muba munkunda, mwari kunezerezwa n’uko ngiye kuja kwa Data, kuko Data aranduta cane.


Bamubonye, baramusenga, ariko bamwe muri bo barakekeranya.


Ariko ndababwire ukuri, vyobabera vyiza ko ngenda, kuko nintagenda, Umwitsa ntazobazako. Ariko ninagenda, nzoca ndamubarungikira.


Akiriko arabahezagira, aca abavamwo, aduzwa mw’ijuru.


Imisi yose bama mu rusengero, bahimbaza Imana.


Nuko baca bava kuri uwo Musozi wa Elayono, basubira i Yerusalemu; ni urugendo rungana hafi ikilometero kimwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite