48 Namwe muri ivyabona vyo gushingira intahe ivyo.
48 Namwe mur’ ivyabona vyo kuvuga ivyo.
hanyuma amara imisi myinshi yiyereka abagendanye na we kuva i Galilaya gushika i Yerusalemu. Ubu ni bo bariko baramushingira intahe mu bwoko bwacu.
Ivyo twebwe turabishingira intahe, kandi na Mpwemu Yera arabishingira intahe, uwo Imana yahaye abamwumvira.”
Uwo Yesu Imana yaramuzuye mu bapfuye, twese turi ivyabona vyo kubishingira intahe.
Ariko muzohabwa ubushobozi Mpwemu Yera niyabazako; maze muzonshingira intahe i Yerusalemu, i Yudaya n’i Samariya hose, no gushika ku mpera z’isi.”
Ntiyabonywe na bose, kiretse twebwe abo Imana yari yaratoranije nk’ivyabona, twasangiye na we amaze kuzuka mu bapfuye.
Natwe turi ivyabona vyo gushingira intahe ivyo yakoze vyose mu gihugu c’Abayuda n’i Yerusalemu. Yishwe abambwe ku musaraba,
Mwishe uwutanga ubugingo, ariko Imana yaramuzuye mu bapfuye, natwe turi ivyabona vyo kubishingira intahe.
uhereye igihe yabatizwa na Yohana, gushika igihe yaduzwa mw’ijuru. Uwo azoheza abe icabona kimwe muri twebwe co gushingira intahe ukuzuka kwiwe.”
Abarongozi b’ishengero bari muri mwebwe ndabinginga nk’umwe mu bo basangiye igikorwa, nkaba n’icabona c’imibabaro ya Kristo kandi nkaba niteze kuzosangira na we ubwiza buzohishurwa:
Intumwa zibandanya gushingira intahe ukuzuka kw’Umwami Yesu zuzuye ubushobozi bwinshi, kandi ubuntu bw’Imana bwinshi bwaguma bugwira kuri bo bose.
Kandi namwe muzonshingira intahe, kuko mwabanye nanje kuva mu ntango y’igikorwa canje.
Uzomubera icabona co gushingira intahe ivyo wabonye n’ivyo wumvise imbere y’abantu bose.