Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 24:45 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

45 Aca abugurura ubwenge kugira ngo batahure Ivyanditswe.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

45 Maz’ abungura ubgenge ngo batahure ivyanditswe.

Gade chapit la Kopi




Luka 24:45
13 Referans Kwoze  

Umwe mu bariko baratwumviriza yitwa Lidiya, yava i Tuwatira, akaba yari umudandaza w’impuzu z’agaciro kandi yubaha Imana. Nuko Umwami Imana yugurura umutima wiwe, yakira Ubutumwa Pawulo yariko aravuga.


Turazi kandi ko Umwana w’Imana yaje akaduha ugutahura, kugira ngo tumenye Imana nyakuri. Ubu turi mu Mana nyakuri kuko turi mu Mwana wayo, Yesu Kristo. Ni we Mana nyakuri kandi ni we bugingo budashira.


kugira ngo ubugurure amaso, bave mu mwijima baje mu muco, ubakure mu bubasha bwa Satani ubazane ku Mana, baharirwe ivyaha vyabo, maze bahabwe ikibanza mu bejejwe babihawe no kunyizera.’


Ni co gituma bivugwa ngo: “Ikangure, wewe usinziriye, vyuka uve mu bapfuye, maze Kristo arakumurikira.”


Baca batangura kubazanya bati: “Mbega imitima yacu ntiyariko iragurugumba igihe yariko aravugana natwe mu nzira, adusigurira Ivyanditswe?”


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Filadelufiya uti: Uwera kandi uw’ukuri, uwufise urupfunguruzo rwa Dawidi mu kiganza; ico yuguruye nta wushobora kucugara, kandi ico yugaye nta wushobora kucugurura; aravuga ati.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite