Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 24:44 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

44 Aca ababarira ati: “Ibi ni vyo nari narababwiye nkiri kumwe namwe, ko ivyanditswe kuri jewe vyose mu Vyagezwe ya Mose, mu vyanditswe n’abavugishwa n’Imana no muri Zaburi, bitegerezwa gushika.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

44 Arababgira, at’ Aya n’amajambo yanje nababgira nkiri kumwe namwe, y’ingen’ ivyanditswe kuri jewe vyose mu vyagezwe vya Mose no mu majambo y’abāvugishwa n’Imana no muri Zaburi bikwiye gushika.

Gade chapit la Kopi




Luka 24:44
88 Referans Kwoze  

yagishikije ku bwacu, twebwe abana babo, mu kuzura Yesu mu bapfuye. Ibi ni vyo vyanditswe muri Zaburi ya kabiri ngo: ‘Uri umwana wanje; uwu musi ndakuvyaye.’


Aca ababwira ati: “Umwana w’Umuntu ategerezwa kubabazwa mu buryo bwinshi, akankwa n’abatware, n’abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe. Kandi azokwicwa hanyuma azuke ku musi ugira gatatu.”


Numvise ivyo nca nikubita hasi nubamye ngo ndamusenge. Ariko aca ambwira ati: “Ntugakore ivyo! Nanje ndi umukozi w’Imana co kimwe na we na bene So bashingira intahe ukwizera bafise muri Kristo. Usenge Imana yonyene. Kuko ugushingira intahe Yesu ni impwemu y’ubuvugishwa.”


Ivyagezwe vya Mose ni ikigereranyo c’ivyiza bigiye kuza; si ukuri kw’ivyo vyiza. Mu gihe c’Ivyagezwe, baguma batanga ibimazi uko umwaka utashe, yamara ivyo bimazi ntivyigeze bishobora gutunganya rwose abegera Imana bayisenga.


Iyo mwizera Mose, nanje mwonyizeye, kuko yanditse avuga kuri jewe.


Muri ibi vyose, Mpwemu Yera yariko yerekana ko inzira yinjira Ahera h’Ahera itari bwuguruke, igihe cose iryo hema ryo gusengeramwo rya mbere ryari rikihari.


Mwiga Ivyanditswe n’umwete mwinshi kuko mwibaza ko bishobora kubaha ubugingo budashira. Ivyo Vyanditswe nyene ni vyo binshingira intahe,


Nk’uko Mose yamanitse inzoka ku giti mu bugaragwa, ni ko n’Umwana w’Umuntu ategerezwa kumanikwa,


Arababwira ati: “Handitswe ngo ‘Kristo azobabazwa, apfe, hanyuma azuke mu bapfuye ku musi ugira gatatu,


Uwo Melekisedeki yari umwami w’i Salemu, akaba n’umuherezi w’Imana Musumbavyose. Igihe Aburahamu yari atabarutse ahejeje kunesha ba bami, Melekisedeki yaje guhura na we aramuhezagira.


“Mose yabaye umwizigirwa mu nzu y’Imana nk’umukozi,” kugira ngo ashingire intahe ivyo Imana yari igiye kuvuga muri kazoza.


Uwo ni Mose nyene yabwiye Abisirayeli ati: ‘Imana izobahagurukiriza umuvugishwa ameze nkanje muri mwebwe.’


Ndababwire, iri jambo ryavugishijwe kuri jewe ngo: ‘Yafashwe nk’umwe mu bagarariji,’ ritegerezwa gushika. Ni ukuri, ivyanditswe kuri jewe bigira bishike.”


Kuko iyo misi izoba ari iy’ukwihora kw’Imana, kugira ngo Ivyanditswe bishike.


“Nimunyumvirize neza kandi mushire umutima ku vyo ngira ndababwire: Umwana w’Umuntu agiye gutabwa mu maboko y’abantu.”


Ariko, ibi vyose bibaye kugira ngo Ivyanditswe n’abavugishwa n’Imana bishike.” Ubwo nyene abigishwa biwe bose baramuta barahunga.


Ariko none Ivyanditswe vyera bivuga ko bitegerezwa kugenda gutya, vyoshitswa gute?”


Kuva ico gihe, Yesu atangura kubwira abigishwa biwe ko ategerezwa kuja i Yerusalemu, akababazwa mu buryo bwinshi n’abakuru b’idini, n’abaherezi bakuru n’abigisha b’ivyagezwe, kandi ko azokwicwa hanyuma akazuka ku musi ugira gatatu.


Mpwemu wa Kristo yari muri bo yaguma avuga ivyerekeye imibabaro ya Kristo n’ubwiza buzoyiherukira bitaraba; na bo bagashaka kumenya igihe ivyo bizoshikira n’uko bizogenda.


Ariko uko ni ko Imana yashikije ivyo yari yaravugiye mu kanwa k’abavugishwa na yo bose, ivuga ko Kristo akwiye kubabazwa.


kuko yashaka kugumana n’abigishwa biwe ngo abigishe. Arababwira ati: “Umwana w’Umuntu agiye gutabwa mu maboko y’abantu. Bazomwica ariko ku musi ugira gatatu, azozuka.”


Ivyo vyose vyabaye kugira ngo ivyo Umwami Imana yari yaravugishije abavugishwa na we bishike, ngo:


kuko utazorekera umushaha wanje mu kibanza c’abapfuye, canke ngo uze ureke uwera wawe ngo abore.


Mwiyubare rero kugira ngo ivyo abavugishwa bavuze ntibibashikeko, aho bavuga ngo:


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite