Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 24:30 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

30 Bicaye bagira bafungure, Yesu afata umukate, awushimira Imana, arawumanyagura, arawubahereza.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

30 Yicaye ngw asangire na bo, yābīra umutsima, arawuhezagira, arawumanyagura, arawubaha.

Gade chapit la Kopi




Luka 24:30
14 Referans Kwoze  

Hanyuma abwira abantu ngo bicare ku vyatsi. Maze afata ya mikate itanu na za fi zibiri, arangamiza mw’ijuru, abishimira Imana. Hanyuma amanyagura ya mikate, abihereza abigishwa biwe na bo babiha ba bantu.


Maze abo bigishwa babiri na bo babiganira ivyabaye mu nzira bariko baragenda, n’ukuntu bamumenye amaze kumanyagura umukate.


Aca afata ya mikate itanu na za fi zibiri, arangamiza mw’ijuru, abishimira Imana. Hanyuma arabimanyagura, abihereza abigishwa ngo bagaburire abantu.


Hanyuma afata ya mikate indwi na twa dufi, abishimira Imana, arabimanyagura, hanyuma abiha abigishwa biwe na bo babigaburira ba bantu.


Avuze ivyo, afata umukate awushimira Imana imbere yabo, arawumanyagura, aca atangura kurya.


Yesu afata ya mikate, ayishimira Imana, ayiha abari bicaye aho. Na za fi azigenza uko. Abantu bararya barikura.


Aca afata n’umukate, awushimira Imana, arawumanyura, awubahereza avuga ati: “Iki ni ikimenyetso c’umubiri wanje watanzwe ku bwanyu; muzohore mubikora mu kunyibuka.”


Bariko barafungura, Yesu afata umukate, awushimira Imana, arawumanyura, awuha abigishwa biwe, avuga ati: “Nimwakire murye, uwu ni umubiri wanje.”


Maze Yesu abwira ba bantu ngo bicare hasi. Amaze gufata ya mikate akayishimira Imana, arayimanyagura ayiha abigishwa ngo bayihe abantu, na bo babikora uko.


Yesu afata ya mikate itanu na za fi zibiri, arangamiza mw’ijuru, abishimira Imana. Hanyuma amanyagura ya mikate, ayihereza abigishwa ngo bagaburire abantu. Abagaburira na za fi bose.


Bariko barafungura, Yesu afata umukate, awushimira Imana, arawumanyura, awuha abigishwa biwe, avuga ati: “Nimwakire murye; uwu ni umubiri wanje.”


Ariko baramwinginga cane bati: “Gumana natwe kuko buriko burira, kandi umusi ugeze kure.” Nuko Yesu agumana na bo.


Maze abizera bose bashira imitima ku vyo intumwa zigisha, gusangira ivyabo, kumanyagura imikate, no gusenga.


Imisi yose bama bakoranira mu rusengero, bakamanyagurira imikate mu mihana yabo, bakongera bagasangirira hamwe bafise imitima ihuye kandi banezerewe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite