Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 23:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Nuko abaza Yesu ibibazo vyinshi ariko ntiyishura na kimwe.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Amubaza amajambo menshi, ntiyamwishura na rimwe.

Gade chapit la Kopi




Luka 23:9
13 Referans Kwoze  

Ariko Yesu ntiyagira ijambo na rimwe yishura, bituma uwo mutware atangara cane.


Abamututse ntiyabihora, canke ngo ahige kwihora abamuteje imibabaro. Ivyo yabirekeye Imana yoyo ica imanza ziroranye.


Iyo nkone yariko isoma Ivyanditswe bivuga ngo: “Yatwawe nk’intama ijanwa kubagwa, atekereza nk’intama imbere y’uwuyimwa ubwoya, ntiyigera akurako umunwa.


Yesu arabishura ati: “Genda mubwire iyo mbwebwe ko ndiko ndirukana abadayimoni nongera nkiza abarwaye uno musi n’ejo; ku musi ugira gatatu nzoba ndangije igikorwa canje.


Ntimugahe ivyera vy’Imana imbwa, kandi ivy’agaciro kanini vyanyu, ntimukabiterere ingurube, kuko zohava zibihonyanga, hanyuma zikabahindukirira zikabatabagura.


Ariko abakuru b’abaherezi hamwe n’abakuru b’Abayuda bamwagirije, ntiyishura na kimwe.


Ariko Yesu ntiyagira ico yishura, bituma Pilato atangara.


Abakuru b’aherezi n’abigisha b’ivyagezwe bari bahagaze ngaho, bamwagiriza bashimitse.


Aca asubiza Yesu mu kirimba, aramubaza ati: “Uri uwa he?” Ariko Yesu ntiyagira ico amwishura.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite