Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 23:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Ariko barushiriza kuvuga bati: “Agumura abantu i Yudaya hose biciye mu nyigisho ziwe. Yatanguriye i Galilaya none raba ashitse n’ino i Yerusalemu.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Na bo barashimika, bat’ Asibanganya igihugu, yigisha i Yudaya hose; yahereye i Galilaya ageza n’ino.

Gade chapit la Kopi




Luka 23:5
24 Referans Kwoze  

Iki ni co gitangaza ca mbere Yesu yakoze, akaba yagikoreye i Kana mu ntara ya Galilaya. Uko ni ko Yesu yerekanye icubahiro ciwe, maze abigishwa biwe baramwizera.


Ku musi ukurikira, Yesu afata ingingo yo kuja i Galilaya. Ariko aragenda, ahura na Filipo, amubwira ati: “Nkurikira!”


Yohana amaze gutabwa mw’ibohero, Yesu aca aja i Galilaya avuga Ubutumwa Bwiza bw’Imana,


Ico gihe Yesu agendagenda mu ntara yose ya Galilaya yigishiriza mu masinagogi yaho, avuga Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami, akiza abantu ingwara zose n’ubumuga bwose.


Impari ziba nyinshi gushika aho wa mukuru w’abasoda agira ubwoba, yibaza ko bahava batabagura Pawulo. Aca ategeka abasoda ngo bamanuke bamunyakure, bamuhungishirize mw’ikambi.


Murazi ivyabaye i Yudaya hose, uhereye i Galilaya inyuma y’umubatizo Yohana yigisha;


Ariko avuga uko, baca bazibira amatwi yabo kugira ntibamwuve, bashira urwamo hejuru, baca bamuhundarirako icarimwe,


Bavyumvise, barashangashirwa, bamuhekenyera imisaya.


Bavyumvise barashangashirwa, bagomba kubicisha.


Barasemerera bati: “Napfe! Napfe! Nabambwe!” Pilato arababaza ati: “Mushaka ko mbamba umwami wanyu?” Abakuru b’abaherezi baramwishura bati: “Nta wundi mwami dufise atari Kayisari.”


Na bo baramwishura bati: “Mbega nawe uva i Galilaya? Urasoma neza Ivyanditswe uzobona ko ata wuvugishwa n’Imana ava i Galilaya!” [


Abandi bavuga bati: “Ni Kristo.” Abandi na bo bati: “Kristo ntashobora kuva i Galilaya.


Noneho baca bashira urwamo hejuru basaba ko Yesu abambwa, gushika aho Pilato arengerwa,


Yesu ahejeje kuvuga ivyo, aca ava aho hantu. Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe baca batangura kumugwanya cane, bamubaza ibibazo ku bintu bitandukanye,


Pilato abonye ko ata co ariko arashikako, ahubwo ko umuvurungano ukomeza kwiyongera, afata amazi, akarabira imbere y’abantu, avuga ati: “Jewe ndera, amaraso y’uwu muntu, ari kuri mwebwe!”


Yesu amaze kuvukira i Betelehemu mu ntara ya Yudaya, ku ngoma y’umwami Herode, abanyabwenge mu vy’inyenyeri bavuye mu buseruko baja i Yerusalemu.


Yesu ahejeje gusigurira neza abigishwa biwe cumi na babiri igikorwa abatumye, ava ngaho aja kwigisha no kuvuga Ubutumwa Bwiza mu bisagara vy’i Galilaya.


Pilato avyumvise aca abaza ati: “Uwu muntu ava i Galilaya?”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite