42 Aca avuga ati: “Yesu, uranyibuka niwagaruka mu Bwami bwawe.”
42 Kand’ aravuga, at’ Urahava uz’ unyibuke Yesu, ah’ uzozira mu bgami bgawe.
Baramwishura bati: “Izere Umwami Yesu, urakizwa, wewe n’abo mu nzu yawe.”
Ndababwire ukuri, umuntu wese azonyemanga imbere y’abantu, Umwana w’Umuntu na we azomwemanga imbere y’abamarayika b’Imana.
Ariko wa mutozakori ahagarara kure, ntiyubahuka no kurangamiza mw’ijuru, yamara yikubita ku gikiriza, avuga ati: ‘Mana, ngirira imbabazi, jewe umunyavyaha.’
Umuntu wese yizera ko Yesu ari Kristo, uwo yavyawe n’Imana, kandi umuntu wese akunda uwo umuvyeyi, akunda n’abana biwe na bo.
Nigishije Abayuda n’Abagiriki ko bakwiye kwihana bagahindukirira Imana mu kwizera Umwami Yesu.
Mbega Kristo ntiyategerezwa kubabazwa gutyo imbere y’uko yinjira mu bwiza bwiwe?”
Mpwemu wa Kristo yari muri bo yaguma avuga ivyerekeye imibabaro ya Kristo n’ubwiza buzoyiherukira bitaraba; na bo bagashaka kumenya igihe ivyo bizoshikira n’uko bizogenda.
Toma aramubwira ati: “Mwami wanje, Mana yanje!”
Natanayeli aca aravuga ati: “Rabi, uri Umwana w’Imana, uri Umwami wa Isirayeli.”
Twebwe twahaniwe ikiri ukuri, kuko turiko twishura ibihwanye n’ivyo twakoze. Ariko uwu we nta kibi na kimwe yakoze.”
Yesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, uno musi nyene uraza kubana nanje muri paradizo.”