Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 23:41 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

41 Twebwe twahaniwe ikiri ukuri, kuko turiko twishura ibihwanye n’ivyo twakoze. Ariko uwu we nta kibi na kimwe yakoze.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

41 Tweho turishuye, kuko tugiriwe ibihwanye n’ivyo twākoze: arik’ uyu nta kibi yakoze.

Gade chapit la Kopi




Luka 23:41
19 Referans Kwoze  

ahubwo ni amaraso y’igiciro kinini ya Kristo, Umwagazi w’intama w’Imana utagira icaha canke umugayo.


Pilato abonye ko ata co ariko arashikako, ahubwo ko umuvurungano ukomeza kwiyongera, afata amazi, akarabira imbere y’abantu, avuga ati: “Jewe ndera, amaraso y’uwu muntu, ari kuri mwebwe!”


ababwira ati: “Nacumuye kuko nagurishije umuntu atagira icaha.” Baramwishura bati: “Ivyo ntibituraba, ni ingorane yawe!”


Nuko, mwicishe bugufi imbere y’Imana. Mugwanye wa mubi, na we azobahunga.


Umusoda mukuru w’Umuroma hamwe n’abasoda yari arongoye mu gucunga Yesu, babonye ukunyiganyiga kw’isi hamwe n’ibibaye vyose, bafatwa n’ubwoba bwinshi, bavuga bati: “Ni ukuri uwu yari Umwana w’Imana!”


Pilato acicaye aho acira imanza, umugore wiwe amurungikira ubutumwa buvuga ngo: “Ntihagire ikintu na kimwe ugira uwo mugororotsi, kuko naraye mbabajwe cane mu ndoto kubera we.”


Ariko mugenziwe aramukankamira avuga ati: “Mbega wewe ntutinya n’Imana kandi waciriwe urubanza rumwe n’urwiwe?


Aca avuga ati: “Yesu, uranyibuka niwagaruka mu Bwami bwawe.”


Namwe muri ivyabona hamwe n’Imana, vy’ingene twigenza hagati yanyu, twejejwe, tugororotse kandi turi inyankamugayo rwose.


Abamututse ntiyabihora, canke ngo ahige kwihora abamuteje imibabaro. Ivyo yabirekeye Imana yoyo ica imanza ziroranye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite