37 bamubwira bati: “Nimba uri umwami w’Abayuda, niwikize turabe!”
37 baramubarira, bati Ni waba ur’ Umwami w’Abayuda, ni wikize.
“Yakijije abandi ariko we ntashobora kwikiza! Nimba ari Umwami w’Abisirayeli, niyikure ku musaraba natwe duce tumwizera.”
Yizigiye Imana, rero Imana nimba imukunda nimutabare kuko yavuze ati: “Ndi Umwana w’Imana.”
Umwe muri za nkozi z’ikibi zibambanywe na we aramutuka ati: “Ko uri Kristo, niwikize hanyuma udukize natwe.”
Icandiko c’ibirego vyatumye abambwa cavuga ngo: umwami w’abayuda.