Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 23:34 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

34 Maze Yesu aravuga ati: “Data, bababarire, kuko ntibazi ico bariko barakora.” Maze bagabura impuzu za Yesu hakoreshejwe ubufindo.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Yesu aravuga, ati Data, n’ubaharire, kuko batazi ico bakora. Bagabura impuzu ziwe, barazipfindira.

Gade chapit la Kopi




Luka 23:34
26 Referans Kwoze  

Jeho ndababwiye nti: mukunde abansi banyu kandi musengere ababagirira nabi,


Aca agwa apfukamye, asemerera ati: “Mwami, ntubaharureko iki caha.” Ahejeje kuvuga ivyo, aca aracikana.


Ntimukihorane canke ngo mwishure uwubatutse. Ahubwo mubahezagire kuko ico ari co Imana yabahamagariye gukora ngo namwe muragwe umuhezagiro.


Muhezagire ababagirira nabi, ntimubavume ahubwo mubahezagire.


Nta n’umwe wo mu baganza b’iki gihe yigeze abutahura, kuko iyo baba barabutahuye, ntibaba barabamvye Umwami w’ubwiza.


Naho nabanje kumuvugako ibibi, ngahama ishengero, nkaba umucokoranyi, naragiriwe imbabazi kuko nabikora mu kutamenya, no mu kutizera.


None rero bavukanyi, ndazi ko mwabikoze mu kutamenya, co kimwe n’abatware banyu.


Dukoresha amaboko yacu tukaruha kugira ngo turonke ibidutunga. Duhezagira abatuvuma, tukihanganira guhamwa.


Uwo mwanya Yesu aravuga ati: “Ndagushima Data, Mwami w’ijuru n’isi, kuko ivyo wabihishije abigira abanyabwenge n’abahinga, ukabihishurira abameze nk’abana bato.


Yesu aramwishura ati: “Nta bubasha wari umfiseko iyo utabuhabwa n’Imana. Ni co gituma uwakunshikirije yakoze icaha kiruta icawe.”


Nuko baramubamba, bagabura impuzu ziwe bakoresheje ubupfindo kugira ngo barabe iyo umwumwe wese yegukira.


Egome Data, kuko uko ari ko washimye kubikora.


“Data, ubigomvye, ndakwinginze unkure imbere iki gikombe c’imibabaro. Ariko ntibibe nk’uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba.”


Ndabasengeye; sinsengeye isi, ariko nsengeye abo wampaye, kuko ari abawe.


Ariko Pawulo arasemerera ati: “Reka ntugire ico wigira, twese turi hano.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite