Afise urutaro rwo kugosora mu minwe, azokubura ikibanza co gusekuriramwo. Ahejeje kugosora azokwegeraniriza ingano mu kigega umuguruka na wo awuturirire mu muriro utazokwigera uzima.”
Kubana na bo iyo musangira mu misi mikuru y’urukundo nk’abizera ni agatetereza, kandi ivyo babikora ata co basonera. Bameze nk’abungere biragira ubwabo. Bameze nk’ibicu bitagira imvura bikubebwa n’umuyaga. Bameze kandi nk’ibiti bitagira ivyamwa mu gihe c’iyera, vyaranduranywe n’imizi bipfa kabiri.