Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 23:31 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

31 Kuko nimba bagiriye gutya igiti kibisi, mbega icumye co bizokigendera gute?”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

31 Ko bagirira bartyo igiti kibisi, non’ icumye kizogirirwa gite?

Gade chapit la Kopi




Luka 23:31
13 Referans Kwoze  

Uwutagumye muri jewe, ameze nk’ishami riterewe hanze rikuma; amashami ameze nk’iryo barayegeranya bakayaterera mu muriro agasha.


Afise urutaro rwo kugosora mu minwe, azokubura ikibanza co gusekuriramwo. Ahejeje kugosora azokwegeraniriza ingano mu kigega umuguruka na wo awuturirire mu muriro utazokwigera uzima.”


Kubana na bo iyo musangira mu misi mikuru y’urukundo nk’abizera ni agatetereza, kandi ivyo babikora ata co basonera. Bameze nk’abungere biragira ubwabo. Bameze nk’ibicu bitagira imvura bikubebwa n’umuyaga. Bameze kandi nk’ibiti bitagira ivyamwa mu gihe c’iyera, vyaranduranywe n’imizi bipfa kabiri.


Ariko umurima umera amahwa n’ibitovu nta co uba umaze, uba uri hafi kuvumwa, kandi amaherezo yawo ni uguturirwa.


Hanyuma ‘bazobwira imisozi bati: “Tugweko!” n’imitumba bati: “Tunyegeze!” ’


Kandi hariho n’abandi bagabo babiri b’inkozi z’ikibi, na bo bajanwa kwicirwa hamwe na Yesu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite