Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 23:26 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Abasoda batwaye Yesu kumubamba bafata Simoni w’i Kurene, yari avuye mu mirima, baca bamukorera umusaraba, agendera inyuma ya Yesu.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Bakimujana, bafata umuntu yitwa Simoni Umunyakurene, avuye mu misozi, bamukorera umusaraba, ngw awikorere akurikiye Yesu.

Gade chapit la Kopi




Luka 23:26
11 Referans Kwoze  

Ariko abantu bamwebamwe bo mw’Isinagogi ry’abiyita Abagurano bidegemvya, ari bo Bayuda b’i Kurene n’abo muri Alegizanderiya, bafatanije n’abava mu ntara za Kilikiya na Aziya, bahagurukira rimwe guhaririza Sitefano.


Nuko abo bantu bazanwa imbere y’intumwa, zirabasengera, zibarambitseko ibiganza.


i Furugiya, i Pamfiliya, muri Egiputa no mu gice ca Libiya cegereye Kurene, n’abavuye i Roma


Kandi uwutikorera umusaraba wiwe ngo ankurikire, ntashobora kuba umwigishwa wanje.


Yongera kubabwirira bose hamwe ati: “Uwugomba kunkurikira, ni yihebe, yikorere umusaraba wiwe ku musi ku musi, ankurikire.


Mw’ishengero ryo muri Antiyokiya hari abavugishwa n’Imana n’abigisha ari bo Baranaba, Simeyoni bita Mwirabure, Lukiyo Umunyakurene, Manayeni yari yakuranye na Herode Antipa, hamwe na Sawuli.


Nuko aca arekura wa mugabo yari apfunzwe yagirizwa imigumuko n’ubwicanyi, uwo bari basavye ko yobarekurira, hanyuma abaha Yesu ngo bamukoze ico bashaka.


Umuntu niyagutegeka kugenda ikilometero n’amaguru umutwaje ibintu, ugende ibilometero bibiri.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite