Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 23:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 batangura kumurega bavuga bati: “Uwu muntu twasanze ariko aragumura abantu bo mu bwoko bwacu, ababuza gutanga ikori rya Kayisari, kandi yigira Kristo, umwami.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Batangura kumwagiriza, bat’ Uyu twamubonye agomesha ubgoko bgacu, ababuza gutanga ikori rya Kayisari, yivuga ngo ni Kristo, Umwami.

Gade chapit la Kopi




Luka 23:2
33 Referans Kwoze  

Kuva ako kanya, Pilato agerageza kurekura Yesu, ariko abakuru b’Abayuda babandanya basemerera bati: “Niwarekura uwo muntu, ntuzoba ukiri umugenzi wa Kayisari. Umuntu wese yiyita umwami aba agararije Kayisari.”


ababwira ati: “Mwanzaniye uwu muntu muvuga ko yateye imigumuko, ariko namusambishirije imbere yanyu, nta caha camwagiriye.


Twasanze uwu mugabo ari inkozi y’ikibi. Agumura Abayuda aho bari kw’isi yose akabatera kugarariza. Ni we arongoye idini ry’ubuzimire ry’Abanazareti,


Baramwishura bati: “Ntitwari kumukuzanira ata kimwagira.”


Na we asubizayo ati: “Ivya Kayisari nimubihe Kayisari, ivy’Imana mubihe Imana.” Maze iyo nyishu irabatangaza cane.


Baramwishura bati: “Ni ivya Kayisari.” Aca ababwira ati: “Nuko rero ivya Kayisari nimubihe Kayisari, ivy’Imana na vyo mubihe Imana.”


Aba bantu ntibashobora kwerekana ivyemeza ivyo bariko baranyagiriza.


Ariko barushiriza kuvuga bati: “Agumura abantu i Yudaya hose biciye mu nyigisho ziwe. Yatanguriye i Galilaya none raba ashitse n’ino i Yerusalemu.”


Ariko, kugira ngo ntituboneke nabi imbere y’aba batoza iri kori, genda ku kiyaga utere igera urobe. Ifi ya mbere uza kuroba, uyasamike; maze urayisangamwo igiceri kinini c’ifeza coriha ikori ryawe n’iryanje, uheze ugitange.”


Nuko Yesu arengutswa imbere ya Pilato, umutware w’Umuroma, na we aramubaza ati: “Uri umwami w’Abayuda?” Yesu aramwishura ati: “Uvuze ukuri, ndi we.”


Pilato aramubaza ati: “Woba uri umwami w’Abayuda?” Yesu aramwishura ati: “Uvuze ukuri, ndi we.”


Nuko Pilato arasohoka aja aho bari, arababaza ati: “Uwu muntu mumwagiriza iki?”


Uhe umuntu wese ivyo akwiriye guhabwa: abakwiriye guhabwa amakori mubahe amakori, uwukwiriye gutinywa mumutinye, uwukwiriye iteka mumutere iteka.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite