Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 23:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Herode n’abasoda biwe baca batangura kumushinyagurira no kumucokora. Baca bamwambika impuzu y’ubwami, baramurungika asubira kwa Pilato.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Herode aramutitura, hamwe n’abasoda biwe, aramushinyagurira, maz’ amwambika impuzu y’inyambarabami, amusubiza kwa Pilato.

Gade chapit la Kopi




Luka 23:11
16 Referans Kwoze  

Nuko Yesu asohoka yambaye urugori rw’amahwa ku mutwe n’impuzu y’ubwami. Pilato arababwira ati: “Ng’uwu wa muntu!”


Yesu arabishura ati: “Ni ukuri, Eliya ategerezwa kubanza kuza kugira ngo asubize vyose mu buryo. None ni kuki handitswe ko Umwana w’Umuntu ategerezwa kubabazwa cane akongera agasuzugurwa?


Muri ico gihe, Herode Antipa yumva amakuru ya Yesu;


Kuko Herode Antipa yari yarafashe Yohana, aramuboha, amuta mw’ibohero. Ivyo yabikoze abitumwe na Herodiya uwo yari yararongoye, kandi yari asanzwe ari muka Filipo, uwo bavukana.


Ku musi mukuru wo kwibuka ivuka rya Herode, umukobwa wa Herodiya araza atambira abatumire, maze ivyo binezereza Herode cane,


Abakuru b’aherezi n’abigisha b’ivyagezwe bari bahagaze ngaho, bamwagiriza bashimitse.


Nk’akarorero hinjiye umuntu mw’ikoraniro ryanyu yambaye impeta y’inzahabu n’impuzu nziza, hakinjira n’uwundi yambaye impuzu zishize.


Iyo mwitayeho cane wa wundi yambaye neza mukamubwira muti: “Ehe ng’iki ikibanza ciza canyu,” ariko mukabwira wa mukene muti: “Wewe hagarara harya” canke muti: “Icara hasi i ruhande y’ibirenge vyanje,”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite