Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 22:37 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

37 Ndababwire, iri jambo ryavugishijwe kuri jewe ngo: ‘Yafashwe nk’umwe mu bagarariji,’ ritegerezwa gushika. Ni ukuri, ivyanditswe kuri jewe bigira bishike.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

37 Ndababgire, Ibi vyanditswe bikwiye kunshikako, ngo Yaharūranywe n’abanyabicumuro. Kukw ivyanje bigira bishike.

Gade chapit la Kopi




Luka 22:37
17 Referans Kwoze  

Imana yahinduye icaha uwutigeze acumura ku neza yacu, kugira ngo muri we ducike ukugororoka kw’Imana.


Kandi hariho n’abandi bagabo babiri b’inkozi z’ikibi, na bo bajanwa kwicirwa hamwe na Yesu.


Kristo yadukijije umuvumo w’ivyagezwe aho yahinduka umuvumo ku bwacu, nk’uko vyanditswe ngo: “Haravumwe uwubambwe ku giti.”


Naguhesheje icubahiro hano kw’isi mu kurangiza igikorwa wampaye.


Murazi ko ata gishobora guhindura Ivyanditswe. None nimba ababwiwe iryo jambo biswe ‘imana,’


Hanyuma Yesu aca yihereranya bamwe cumi na babiri, arababwira ati: “Ehe tugira tuduge i Yerusalemu, aho Ivyanditswe n’abavugishwa n’Imana vyose ku Mwana w’Umuntu bizomushikirako.


Umwana w’Umuntu azopfa nk’uko vyanditswe, ariko aragowe uwo muntu amugurishije.”


Ba basoda bongera babamba ibisuma bibiri i ruhande ya Yesu, kimwe i buryo, ikindi i bubamfu bwiwe. [


Aca arababwira ati: “Ubu rero uwufise amahera mu mufuko nayibangikanye, uwufise isakoshi ayitore, kandi n’uwudafise inkota agurishe umutamana wiwe ayigure.


Yesu aca abwira abaherezi bakuru, abarinzi b’urusengero n’abatware bari baje kumufata, ati: “Mbega mbaye umugumutsi, aho muza kumfata mwitwaje inkota n’amahiri?


Nuko ahera ku vyanditswe na Mose n’abavugishwa bose, abasigurira ico Ivyanditswe bimuvugako.


Uko ni ko Ivyanditswe vyashitse kuko vyavuga ngo: “Yaharuwe mu gitigiri c’inkozi z’ikibi.”]


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite