Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 22:36 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

36 Aca arababwira ati: “Ubu rero uwufise amahera mu mufuko nayibangikanye, uwufise isakoshi ayitore, kandi n’uwudafise inkota agurishe umutamana wiwe ayigure.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

36 Arababgira, at’ Ariko noneho, ūfise umupfuko w’amahera awujane, n’ūfise isaho ayijane; kand’ ūdafise inkota, ashōre impuzu yiwe ayigure.

Gade chapit la Kopi




Luka 22:36
10 Referans Kwoze  

N’igihe twari kumwe namwe, twamye tubaburira ko dushobora guhamwa, kandi vyabaye ukwo nyene nk’uko na mwebwe mubizi neza.


Ibi ndabibabwiye kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Muri iyi si muzohagirira amarushwa menshi, ariko nimuhumure jewe naranesheje isi.”


Nuko rero, ko Kristo yababajwe mu mubiri, namwe mwamane uwo mutima, igihe cose mwame mwiteguriye kubabazwa nk’uko yababajwe. Kuko uwumaze kubabazwa mu mubiri ahorwa Kristo aba atakiganzwa n’icaha.


Mwibuke ivyo nababwiye: ‘Umukozi ntaruta shebuja.’ Nimba barampamye, namwe bazobahama. Nimba barakurikije inyigisho zanje, bazokurikiza n’izanyu.


Ntimwiremereze amasakoshi y’impuzu canke ibirato vyo gukuranya; mbere ntimwitwaze n’inkoni yo kwishimikiza. Kandi, ntimwanke guhabwa indaro, kuko umukozi wese aberwa n’impembo.


Yesu aca arababaza ati: “Igihe nabarungika ata saho, ata mufuko canke ibirato, hari ico mwakenye?” Baramwishura bati: “Nta na kimwe.”


Ndababwire, iri jambo ryavugishijwe kuri jewe ngo: ‘Yafashwe nk’umwe mu bagarariji,’ ritegerezwa gushika. Ni ukuri, ivyanditswe kuri jewe bigira bishike.”


Abigishwa biwe baramubwira bati: “Mwami, ehe turafise inkota zibiri.” Arabishura ati: “Izo ziramaze.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite