Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 22:34 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

34 Yesu aramubwira ati: “Petero, ndakubwire ukuri, isake itarabika uzoba umaze kunyihakana gatatu kose uvuga ko utanzi.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Aramubgira, ati Petero, ndakubgire, Inkoko itarabika uyu musi, uhava unyihakana gatatu ngo ntunzi.

Gade chapit la Kopi




Luka 22:34
9 Referans Kwoze  

Yesu aramwishura ati: “Gupfa unzira? Ndakubwire ukuri, isake itarabika, uzoba umaze kunyihakana gatatu kose.”


Yesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, iri joro nyene, imbere yuko isake ibika kabiri, uzoba umaze kunyihakana gatatu kose.”


Yesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, iri joro nyene, isake itarabika, uzoba umaze kunyihakana gatatu kose.”


Petero aca atangura kurahira yisiba ati: “Ndabarahiye urya muntu sindamuzi!” Uwo mwanya nyene, isake ica irabika.


Petero yongera kubihakana, maze uwo mwanya nyene isake ica irabika.


Petero aramwishura ati: “Mwami, nditeguye kujana nawe no gushika mw’ibohero, mbere no gupfana na we.”


Yesu aca arababaza ati: “Igihe nabarungika ata saho, ata mufuko canke ibirato, hari ico mwakenye?” Baramwishura bati: “Nta na kimwe.”


Umwami Yesu aca arahindukira, araba Petero mu maso. Petero na we aca yibuka ya majambo Yesu yari yamubwiye ati: “Uno musi nyene, isake itarabika, uza kuba umaze kunyihakana gatatu.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite