Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 22:20 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Bahejeje gufungura, agira uko nyene, afata igikombe, avuga ati: “Iki gikombe ni isezerano rishasha rivuye mu maraso yanje, asesetse ku bwanyu.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 N’igikombe akigenza artyo bahejeje kurya, arababgira, at’ Iki gikombe n’isezerano risha ryo mu maraso yanje, abaviriye.

Gade chapit la Kopi




Luka 22:20
13 Referans Kwoze  

Bahejeje gufungura agira uko nyene, afata igikombe, avuga ati: “Iki gikombe ni isezerano rishasha, ryemejwe n’amaraso yanje. Muzohore mukinywako mu kunyibuka.”


Aya ni amaraso yanje y’isezerano asesekeye benshi ngo baharirwe ivyaha vyabo.


Imana y’amahoro, yazuye Umwami wacu Yesu Kristo mu bapfuye, we mwungere mukuru w’intama yashizeho isezerano ridashira biciye mu maraso yiwe,


Mwegereye Yesu, umuhuza w’isezerano rishasha riri hagati y’Imana n’abantu, kandi mwegereye amaraso aduhumanura, avuga ivyiza kurusha aya Abeli.


Ivyanditse muri iryo kete ryo kuraga bishirwa mu ngiro iyo uwavyanditse yamaze gupfa. Akiriho, ivyanditswe muri ryo ntibishobora gushirwa mu ngiro.


Ni yo yatugize abakozi b’isezerano rishasha, isezerano ritavuye ku vyagezwe ariko rivuye kuri Mpwemu; kuko ivyagezwe birica ariko Mpwemu atanga ubugingo.


Ni co gituma Kristo ari umuhuza w’isezerano rishasha hagati y’Imana n’abantu, kugira ngo abahamagawe bose baronke imihezagiro idashira Imana yabasezeraniye. Kuko Kristo yapfuye kugira ngo abakize igihano c’ivyaha bakoze bakiri mw’isezerano rya mbere.


Arababwira ati: “Aya ni amaraso yanje y’isezerano hagati y’Imana n’abantu bayo, asesetse ku bwa benshi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite