Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 22:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Nuko afata igikombe, agishimira Imana, ababwira ati: “Nimwakire munywe mwese.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Yābīra igikombe, agishimira Imana, arababarira, ati Mwābīre iki, mugisangire:

Gade chapit la Kopi




Luka 22:17
15 Referans Kwoze  

Aca afata n’umukate, awushimira Imana, arawumanyura, awubahereza avuga ati: “Iki ni ikimenyetso c’umubiri wanje watanzwe ku bwanyu; muzohore mubikora mu kunyibuka.”


Uwubahiriza umusi kanaka abikora ahesha icubahiro Imana. Uwurya indya zose abikora ahesha icubahiro Imana, kuko abikora ayishimira. N’uwirinda kurya bimwebimwe na we nyene abikora ahesha icubahiro Imana kandi abiyishimira.


Aca afata ya mikate itanu na za fi zibiri, arangamiza mw’ijuru, abishimira Imana. Hanyuma arabimanyagura, abihereza abigishwa ngo bagaburire abantu.


Hanyuma abwira abantu ngo bicare ku vyatsi. Maze afata ya mikate itanu na za fi zibiri, arangamiza mw’ijuru, abishimira Imana. Hanyuma amanyagura ya mikate, abihereza abigishwa biwe na bo babiha ba bantu.


Hanyuma afata ya mikate indwi na twa dufi, abishimira Imana, arabimanyagura, hanyuma abiha abigishwa biwe na bo babigaburira ba bantu.


Bariko barafungura, Yesu afata umukate, awushimira Imana, arawumanyura, awuha abigishwa biwe, avuga ati: “Nimwakire murye; uwu ni umubiri wanje.”


Bariko barafungura, Yesu afata umukate, awushimira Imana, arawumanyura, awuha abigishwa biwe, avuga ati: “Nimwakire murye, uwu ni umubiri wanje.”


Iyo tunywera ku gikombe Imana yahezagiye, mbega ntituba dusangiye ku maraso ya Kristo? Iyo tumanyura umukate, ntituba dusangiye ku mubiri wa Kristo?


Kuko ico nahawe n’Umwami ari co nanje nabashikirije: muri rya joro Umwami Yesu yafatwa, yakiriye umukate,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite