Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 22:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Kuko ndabamenyesheje ko ntazosubira kurya iyindi, kugeza insiguro yayo ishikijwe mu Bwami bw’Imana.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Ndababgire, Sinzokwongera kuyiryako, kugeza ah’ izoshikira mu bgami bg’Imana.

Gade chapit la Kopi




Luka 22:16
11 Referans Kwoze  

Wa mumarayika aca ambarira ati: “Andika uti: Hahiriwe abatumiwe ku mazimano y’ubukwe bw’Umwagazi w’intama!” Yongerako ati: “Aya ni amajambo y’ukuri y’Imana.”


Umwe mu bari ngaho ahejeje kwumva ayo majambo, aca abarira Yesu ati: “Harahiriwe uwuzofungura ku mazimano yo mu Bwami bw’Imana.”


kugira ngo muze murire mwongere munywere ku meza yanje mu Bwami bwanje, kandi muze mwicare ku ntebe z’icubahiro mucire imanza imiryango cumi n’ibiri y’Abisirayeli.


Ntiyabonywe na bose, kiretse twebwe abo Imana yari yaratoranije nk’ivyabona, twasangiye na we amaze kuzuka mu bapfuye.


Ntimugakorere ivyokurya bibora, ahubwo nimukorere ivyokurya bihoraho kandi bitanga ubugingo budashira, ivyo Umwana w’Umuntu azobaha, kuko Imana Data ari we yahaye ububasha bwo gukora ivyo.”


Hahiriwe abo bakozi shebuja azosanga bagiteramye bamurindiriye. Ndababwije ukuri ko na we azokenyera akabicarika, hanyuma akabagaburira.


Yesu arababwira ati: “Nari naripfuje cane gusangira namwe iyi Pasika imbere y’uko mbabazwa.


Kuko ndababwire, sinzosubira kunywa ku muvinyu w’imizabibu, gushika aho Ubwami bw’Imana buzozira.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite