Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 22:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 hanyuma mubwire nyene urugo muti: ‘Umwigisha arashaka kumenya: Icumba aja gusangiriramwo ivya Pasika n’abigishwa biwe kiri he?’

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Mubgire nyen’ urugo, mut’ Umwigisha agize ngw Indāro iri hehe, ah’ asangirira ivya Pasika n’abigishwa biwe?

Gade chapit la Kopi




Luka 22:11
9 Referans Kwoze  

Ahejeje kuvuga ayo majambo, aca aja guhamagara mwene nyina Mariya aramwihereranya, amubwira ati: “Umwigisha ari hano kandi arashaka kukubona.”


Ehe mpagaze ku muryango ndiko ndadodora. Uwumva ijwi ryanje akugurura umuryango, ndinjira iwe dusangire.


Baca bishura bati: “Umwami arayikeneye.”


Nihagira uwubabaza ati: ‘Ni kubera iki muyizituye?’ Mumwishure muti: ‘Umwami arayikeneye.’ ”


Yesu ahashitse, ararangamiza, amubwira ati: “Zakayo, ururuka ningoga, kuko uwu musi nyene nkwiye kurara iwawe.”


Nihagira uwugira ico ababaza, mumwishure muti: Umwami arazikeneye, kandi aca azisubiza adatevye.”


Ashitse aho agiye, mubwire nyene urugo ko Umwigisha ashaka kumenya ahari icumba c’abashitsi aja gusangiriramwo ivya Pasika n’abigishwa biwe.


Arabishura ati: “Mucinjira mu gisagara, muraja guhura n’umuntu yikoreye umubindi w’amazi. Muce mumukurikira gushika mu nzu aja kwinjiramwo,


Na we araja kubereka icumba kinini co hejuru, kirimwo ibikenewe vyose. Aho abe ari ho mubitegurira.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite