Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 21:28 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

28 Nimwabona ivyo bibaye, muze muhaguruke, mushire ubwoba, ugucungurwa kwanyu kuzoba kwegereje.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

28 Arikw ivyo ni vyatangura kubaho, muze murangamize, muraramike imitwe yanyu kuko gucungurwa kwanyu kuzoba kugira gushike.

Gade chapit la Kopi




Luka 21:28
11 Referans Kwoze  

Ariko si vyo vyonyene biniha; natwe abizera, naho dufise Mpwemu Yera muri twebwe nk’ivyeze ubwa mbere vy’ubwiza tuzohabwa, turaniha mu mitima yacu kuko turindiranye igishika kugirwa abana b’Imana bwegu, ari kwo gucungurwa kw’imibiri yacu.


Kandi ntimukababaze Mpwemu Yera w’Imana, uwo mwahawe nk’ikidodo cemeza ko muri abiwe, ku bwa wa musi aho muzocungurirwa.


kandi ivyaremwe vyose birindiranye igishika igihe Imana izohishura abana bayo.


Mbega Imana ntizotunganiriza abo yatoranije, bayitakambira ijoro n’umurango? Mbega mwibaza ko izobatevya?


Uwo Mpwemu ni ingwati y’Imana yemeza ko tuzohabwa umugabane twasezeraniwe kandi ko yatuguze ngo tube abantu bayo. Ivyo yabikoze kugira ngo tuyishime kandi tuyihe icubahiro.


Aho hari umugore yari amaze imyaka cumi n’umunani amugajwe n’impwemu mbi. Yari yarahetamye umugongo, ntiyashobora kugororoka.


Nuko Yesu abacira umugani ati: “Nimurabire ku giti c’umusukoni canke ku kindi giti ico ari co cose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite