Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 21:27 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

27 Inyuma y’ivyo, umuntu wese azobona Umwana w’Umuntu aje ku gicu, afise ububasha n’ubwiza butangaje.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Ni ho bazobona Umwana w’umuntu aje mu gicu, ari n’ububasha n’ubgiza bginshi.

Gade chapit la Kopi




Luka 21:27
10 Referans Kwoze  

“Ehe azananye n’ibicu,” kandi “amaso yose azomubona; n’abamucimise bazomubona,” kandi isi yose “izoboroga ku bwiwe.” Nibibe gutyo, Amen.


Inyuma y’ivyo, ni ho ikimenyetso cerekana kugaruka kw’Umwana w’Umuntu kizogaragara kw’ijuru, kandi hazoba amaborogo mu bantu bo mu moko yose yo kw’isi. Ni ho bazobona Umwana w’Umuntu aje ku bicu afise ububasha bwinshi n’icubahiro.


Ni ho abantu bazobona Umwana w’Umuntu aserutse mu bicu afise ubushobozi n’ubwiza bihambaye.


Yesu aramwishura ati: “Uko uvuze ni ko biri. Kandi muri kazoza, muzobona Umwana w’Umuntu yicaye mu kibanza c’icubahiro i buryo bw’Imana y’ububasha, kandi aza ari ku bicu vyo kw’ijuru.”


Aho Umwana w’Umuntu azozira, ari mu bwiza bwiwe, ari kumwe n’abamarayika biwe, azokwicara ku ntebe yiwe y’inganji.


Hanyuma nca mbona igicu cera, kandi kuri co hari hicaye uwusa n’Umwana w’Umuntu. Yari yambaye urugori rw’inzahabu ku mutwe, afise n’umuhoro ukarishe mu minwe.


Imitima y’abantu izohagarara bishwe n’ubwoba, babonye ibigira bishike kw’isi, kuko ivy’inkomezi biri mu kirere bizonyiganyizwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite