Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 21:15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 kuko nzobaha amajambo n’ubwenge bizotuma abababuranya badashobora kubahaririza canke ngo babahinyuze.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 kukw ari jewe nzobaha ururimi n’ubgenge, ivyo ababarwanya bose batazoshobora gutsinda canke gutururuza.

Gade chapit la Kopi




Luka 21:15
17 Referans Kwoze  

Kandi nanje munsengere, kugira ngo igihe cose mvuze, mpabwe amajambo kugira ngo menyeshe abantu ibanga ry’Ubutumwa Bwiza ntatinya,


Mpwemu Yera azobaha ivyo mukwiye kuvuga ako kanya nyene.”


Ariko ntibashobora guhagarara imbere y’ubwenge bwiwe hamwe n’Impwemu yamuvugisha.


Aca abugurura ubwenge kugira ngo batahure Ivyanditswe.


Nihaba hariho uwo muri mwebwe akeneye ubwenge bw’Imana, akwiye kubusaba Imana, kuko itanga cane kandi ibikunze. Nta we itera imiragwe kuko ayisavye, kandi azobuhabwa.


Agiripa aca abaza Pawulo ati: “Wibaza ko mu kanya gato nk’aka woshobora kuntahuza nkaba Umukristo?”


Pawulo ariko aravuga ku vy’ukugororoka, ku vy’ukwirinda no ku ivy’urubanza rugiye kuza, Felisi aca aratinya, aca amubwira ati: “Niwigire, ivyo biramaze. Ninaronka akandi karyo keza nzosubira ndagutumeko.”


Bose baca buzura Mpwemu Yera, batangura kuvuga mu zindi ndimi nk’uko Mpwemu Yera abashoboje kuzivuga.


Mbere n’abavyeyi banyu, abo muvukana, incuti n’abagenzi bazobahinduka, kandi bazokwica bamwe muri mwebwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite