Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 20:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Nitwavuga tuti: ‘Wavuye ku bantu,’ abantu bose baradutera amabuye kuko baremera ata gukekeranya ko Yohana yari uwuvugishwa n’Imana.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Ariko ni twavuga tuti Ni mu bantu, abantu bose baradutera amabuye, kuko bemeye badakekeranya yuko Yohana yavugishwa n’Imana.

Gade chapit la Kopi




Luka 20:6
13 Referans Kwoze  

Kandi nitwavuga tuti: ‘Wavuye ku bantu,’ dukwiye guca twirinda abantu, kuko bose baremera ko Yohana yari uwuvugishwa n’Imana.”


None mwagiye kuraba iki? Uwuvugishwa n’Imana? Egome cane, ndababwiye ko mwagiye kuraba uwuruta uwuvugishwa n’Imana.


Wa mukuru w’abarinzi b’urusengero aca ajana n’abarinzi bari kumwe, baja kuzana za ntumwa. Ariko babazana ku neza badakoresheje inguvu, kuko batinya ko abantu bobatera amabuye.


Abantu benshi baza aho ari, baravuga bati: “Naho Yohana ata gitangaza yakoze, ivyo yavuze vyose kuri uwu muntu vyari ukuri.”


Kandi nawe, mwana wanje, uzokwitwa uwuvugishwa n’Iyisumbavyose, kuko uzokwitangira imbere Umwami Imana, ukamutegurira inzira.


Nuko abakuru b’abaherezi, abigisha b’ivyagezwe n’abakuru b’ubwo bwoko barondera ingene bomufata kuko bari batahuye ko ari bo yariko aravuga muri uwo mugani. Ariko barabitinya kubera abantu, baca bamusiga aho baragenda.


Barasezerana bati: “Ariko ntidukwiye kumufata mu misi mikuru kuko abantu bohava bagumuka.”


Baca barondera ingene bomufata, ariko batinya abantu kuko kuri bo Yesu yari uwuvugishwa n’Imana.


Herode na we yama agomba kwica Yohana ariko agatinya abantu, kuko kuri bo Yohana yari uwuvugishwa n’Imana.


Ariko Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe bo banka umugambi w’Imana kuri bo, kuko bari baranse ko Yohana ababatiza.)


Baravugana hagati yabo bati: “Nitwavuga tuti: ‘Wavuye ku Mana yo mw’ijuru,’ ahava atubaza ati: ‘None ni kuki mutizeye ivyo Yohana yavuze?’


Nuko baramwishura bati: “Ntituzi uwabumuhaye.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite