Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 20:46 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

46 “Mwirinde abigisha b’ivyagezwe. Bakunda kugendagenda bambaye amakanzu maremare y’icubahiro, no kuramutswa mu cubahiro mu makoraniro y’abantu. Bakunda kandi guhabwa ivyicaro vy’icubahiro mu masinagogi no mu misi mikuru.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

46 ati Mwirinde abanyabgenge b’ivyanditswe, bakunda kugenda bambaye imvune, bagakunda kugirwako bgakeye mu tuguriro, no kwicara ku ntebe z’icubahiro mu masinagogi, n’ivyicaro vyo haruguru aho batumiwe.

Gade chapit la Kopi




Luka 20:46
14 Referans Kwoze  

Muzobona ibara mwebwe Abafarisayo, kuko mukunda ivyicaro vy’icubahiro mu masinagogi no kuramutswa mu cubahiro mu makoraniro.


Yesu abonye ukuntu abatumire bahitamwo ivyicaro vy’imbere, aca abacira umugani ati:


Muri ako kanya nyene, abantu ibihumbi n’ibihumbi bariko baragwirirana, gushika aho ata waronka aho ahonyora. Yesu aca atangura kubigisha ahereye ku bigishwa biwe, abagabisha ati: “Mwirinde umwambiro w’Abafarisayo, ari bwo buryarya.


Yesu arababwira ati: “Mube maso, mwirinde umwambiro w’Abafarisayo n’Abasadukayo.”


Narandikiye ishengero; ariko Diyotirefe, akunda kwishira imbere, ntiyemera ikibanza cacu nk’abarongozi.


Kandi na wewe umwirinde kuko yaragwanije cane ivyo twigisha.


Urukundo rwanyu rurangwe no kugiriranira igishika nk’abavukana, kandi umuntu wese anezerezwe no gushira imbere mugenziwe.


Bariko barajabuka arabagabisha ati: “Mwirinde umwambiro w’Abafarisayo n’uwa Herode.”


Yesu abwira abigishwa biwe hamwe n’abantu bose bari ngaho ati:


Banyaga imiryango y’abapfakazi bakabatwara ivyabo, kandi bakabandanya biyerekana nk’abantu beza mu gusenga amasengesho maremare. Ni co gituma bazohanwa kurusha abandi.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite