Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 20:44 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

44 None nimba Dawidi amwita ‘Umwami,’ yoba umwana wiwe gute?”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

44 Dawidi ko yamwise Umwami, non’ ashobora ate kuba umwana wiwe?

Gade chapit la Kopi




Luka 20:44
10 Referans Kwoze  

Ni jewe Yesu, narungitse umumarayika wanje ngo aguhe ubu butumwa ubushire amashengero. Nkomoka mu muryango wa Dawidi na samuragwa w’ingoma yiwe, nkaba n’Inyenyeri yakaka yo mu mutwenzi.”


Ikirengeye ivyo umuntu yokwibaza vyose, ikinyegezwa c’ukwizera kwacu kirahambaye: Kristo yabonetse mu mubiri, yemezwa na Mpwemu Yera, abonwa n’abamarayika, amenyekanishwa mu mahanga, yizerwa n’abo mw’isi, aduzwa mu bwiza bwo mw’ijuru.


Maze igihe gikwiye kigeze, Imana irungika Umwana wayo, avyagwa n’umugore, avukira mu vyagezwe,


Ba sekuruza babo ni Abaheburayo ba rurangiranwa; mu buryo bw’umubiri, Yesu Kristo ubwiwe akomoka muri ubwo bwoko kandi uwo ni we Mana iri hejuru ya vyose, akwiye gushimwa ibihe vyose. Amen.


Uwu musi, umukiza yabavukiye mu gisagara ca Dawidi, ni we Kristo, Umwami.


“Ehe, inkumi itarigera iryamana n’umugabo izosama inda ivyare umwana w’umuhungu hanyuma bamwite Emanuweli” (bisobanurwa ngo “Imana iri kumwe natwe”).


kugeza abansi bawe bose ndabashize musi y’ibirenge vyawe.” ’


Yesu abwira abigishwa biwe, abari aho bose bumva, ati:


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite