Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 20:36 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

36 Vyongeye ntibazoba bagipfa, kuko bazoba bameze nk’abamarayika. Ni abana b’Imana, kuko ari abana b’ukuzuka.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

36 kandi ntibaba bagishobora gupfa, kuko baringaniye n’abamarayika, kand’ ar’ abana b’Imana, kukw ar’ abana b’ukuzuka.

Gade chapit la Kopi




Luka 20:36
20 Referans Kwoze  

Izobahanagura amosozi yose ku maso yabo. Nta rupfu canke kugandara, nta kurira canke kubabara bizoba bikiriho, kuko ivya kera bizoba bikuweho.”


Azofata umubiri wacu w’intege nke kandi upfa, awuhindure umubiri w’ubwiza usa n’uwiwe, muri bwa bushobozi afise bumushoboza gushira vyose musi y’inganji yiwe.


Ku musi w’izuka abantu ntibazorongora canke ngo barongorwe, bazoba bameze nk’abamarayika bo mw’ijuru.


Barahiriwe kandi ni abera abazoba muri iryo zuka rya mbere. Urupfu rwa kabiri nta bubasha ruzobagirako, ariko bazoba abaherezi b’Imana na Kristo, kandi bazoganzanya na we imyaka igihumbi.


Ni ko bizoba bimeze ku musi w’izuka ry’abapfuye. Uwu mubiri uhambwa ni uwubora, ariko uzozurirwa kubaho ibihe vyose.


Ariko arambarira ati: “Ntugakore ivyo. Ntukansenge kuko nanje ndi umukozi w’Imana co kimwe na we na bene So b’abavugishwa, ndetse n’abo bose bumvira amajambo ari muri uwu muzingo w’igitabu. Usenge Imana yonyene!”


Umwansi azosangangurwa ubwa nyuma ni rupfu.


Aho abapfuye bazozukira, abantu ntibazorongora canke ngo barongorwe; kuko bazoba bameze nk’abamarayika bo mw’ijuru.


Kandi nk’uko twavutse dufise kamere muntu k’uw’isi, ni ko tuzosa n’uw’ijuru.


Kuko Mpwemu ubwiwe avugana n’impwemu yacu akatwemeza ko turi abana b’Imana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite