Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 20:25 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Aca ababwira ati: “Nuko rero, ivya Kayisari mubihe Kayisari, ivy’Imana na vyo mubihe Imana.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Arababarira, ati Nuko rer’ ivya Kayisari ni mubihe Kayisari, ivy’ Imana mubihe Imana.

Gade chapit la Kopi




Luka 20:25
11 Referans Kwoze  

Nuko rero iyo murya canke munywa, canke mukora ikindi kintu cose, mubikore muhesha Imana icubahiro.


Petero n’izindi ntumwa barishura bati: “Dutegerezwa kwubaha Imana kuruta abantu!


Na we asubizayo ati: “Ivya Kayisari nimubihe Kayisari, ivy’Imana mubihe Imana.” Maze iyo nyishu irabatangaza cane.


Baramwishura bati: “Ni ivya Kayisari.” Aca ababwira ati: “Nuko rero ivya Kayisari nimubihe Kayisari, ivy’Imana na vyo mubihe Imana.”


Ariko, kugira ngo ntituboneke nabi imbere y’aba batoza iri kori, genda ku kiyaga utere igera urobe. Ifi ya mbere uza kuroba, uyasamike; maze urayisangamwo igiceri kinini c’ifeza coriha ikori ryawe n’iryanje, uheze ugitange.”


Woba wahawe ingabire yo kuvuga? Uvuge nk’aho Imana ari yo iriko ivugira muri wewe. Woba wahawe ingabire yo gufasha abandi, bikorane inkomezi zose Imana itanga. Ivyo bizotuma muri vyose Imana ihabwa icubahiro mw’izina rya Yesu Kristo. Icubahiro cose n’ubushobozi bibe ivy’Imana ubu n’ibihe bidashira! Amen.


“Nimunyereke igiceri c’idenariyo. Iyi shusho n’ibi vyandiko biriko ni ivya nde?” Barishura bati: “Ni ivya Kayisari.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite