Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 20:24 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 “Nimunyereke igiceri c’idenariyo. Iyi shusho n’ibi vyandiko biriko ni ivya nde?” Barishura bati: “Ni ivya Kayisari.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 ati Ni munyereke idenariyo; igishushanyo n’ivyanditswe kuri yo n’ivya nde? Bati N’ivya Kayisari.

Gade chapit la Kopi




Luka 20:24
14 Referans Kwoze  

Uwo mukozi agisohoka ahura na mugenziwe bakorana amuheraniye idenariyo ijana. Amufata mw’izosi atangura kumunigura ati: ‘Ndiha umwenda umfitiye ningoga!’


Abera bose barabatasha, na canecane abo mu nzu kwa Kayisari.


Agiripa abarira Fesito ati: “Iyaba atari yaramaze kwungururiza kwa Kayisari, yaca arekurwa.”


Umwe muri bo yitwa Agabo, arahaguruka, yuzuye Mpwemu Yera, avuga ko ikigoyi kizotera mu bwami bw’Abaroma bwose. (Ivyo vyahavuye bishika ku ngoma ya Kilawudiyo.)


batangura kumurega bavuga bati: “Uwu muntu twasanze ariko aragumura abantu bo mu bwoko bwacu, ababuza gutanga ikori rya Kayisari, kandi yigira Kristo, umwami.”


None rero tubwire: biremewe gutanga ikori rya Kayisari, canke ntivyemewe?”


Mu mwaka ugira cumi na gatanu Kayisari Tiberiyo ari ku ngoma i Roma, Pontiyo Pilato yari icariho ciwe i Yudaya, Herode Antipa yari umuganwa atwara intara ya Galilaya, uwo bavukana Filipo yatwara intara za Ituraya na Tirakoniti, Lusaniya na we yatwara intara ya Abilene,


Muri iyo misi, Kayisari Ogusito, umwami w’abami w’Abaroma, asohora itegeko ko haba urusansuma rw’abantu bose baba mu bwami bw’Abaroma.


Maze bumvikana ko aja kubahemba idenariyo imwe kuri uwo musi, hanyuma arabarungika mu ruzabibu rwiwe.


aca arababaza ati: “Iyi shusho n’ibi vyandiko biriko ni ivya nde?”


Yesu abonye ubugunge buri muri bo, aca ababwira ati:


Aca ababwira ati: “Nuko rero, ivya Kayisari mubihe Kayisari, ivy’Imana na vyo mubihe Imana.”


Nuko bamuzanira ca giceri. Arababaza ati: “Mbega iyi shusho n’ibi vyandiko biriko ni ivya nde?” Na bo bati: “Ni ivya Kayisari.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite