23 Yesu abonye ubugunge buri muri bo, aca ababwira ati:
23 Maz’ amenya ubugunge bgabo, arababgira,
kuko imbere y’Imana ubwenge bw’iyi si ari ubujuju, nk’uko Ivyanditswe Vyera bivuga biti: “Imana ifatira abigira abanyabwenge mu bugunge bwabo.”
Nta kintu na kimwe mu vyaremwe kinyegejwe imbere y’Imana. Imbere yayo vyose vyambaye ubusa kandi biragaragara. Kandi twese izotubaza ivyo twakoze vyose.
Ntitugerageze Kristo nk’uko bamwe babigize bakamarwa n’inzoka.
Nuko batangura kumugenza, bahera abantu bigize intungane ngo bamutegere mu majambo avuga, kugira ngo barabe ko boronka ivyo bamurega ku bategetsi b’Abaroma.
Ariko Yesu amenye ivyo biyumvira mu mitima, aca abarira wa mugabo akongataye ukuboko ati: “Haguruka uhagarare hano imbere y’ishengero!” Nuko arahaguruka, ahagarara imbere.
Yesu aca aramenya ivyo bariko bariyumvira, maze arababaza ati: “Ni kuki muriko mwiyumvira gutyo mu mitima yanyu?
Ariko kuko Yesu yari azi intumbero mbi bafise, ababwira ati: “Mwa ndyarya mwe, ni iki gituma muntega imitego?
Abafarisayo n’Abasadukayo baza aho Yesu ari bazanywe no kumugeza, bamusaba ngo abereke ikimenyetso kivuye mw’ijuru cerekana ububasha bwiwe.
None rero tubwire: biremewe gutanga ikori rya Kayisari, canke ntivyemewe?”
“Nimunyereke igiceri c’idenariyo. Iyi shusho n’ibi vyandiko biriko ni ivya nde?” Barishura bati: “Ni ivya Kayisari.”
amubwira ati: “Uri umwana wa wa mubi, umwansi w’ivyiza vyose! Uzogeza ryari kubuza abantu kugororokera Umwami?
Aho rero ni ho tutazosubira kumera nk’inzoya, ngo dukubebwe tujanwa hirya no hino n’imipfunda, twongera tuzungagizwa n’umuyaga uwo ari wo wose w’inyigisho z’ibinyoma n’amayeri vy’abantu bazimiza.