Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 20:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Yesu aca arabitegereza, arababaza ati: “None aya majambo yo mu Vyanditswe akurikira asobanura iki: ‘Ibuye abubatsi bagaye ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka.’

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Arabitegereza, arababaza, ati None rer’ aya majambo yanditswe n’amaki, ngw Ibuye abubatsi bāgaye, Ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka?

Gade chapit la Kopi




Luka 20:17
17 Referans Kwoze  

Ni we ‘buye ryatawe n’abubatsi, ariko ryahindutse irigumya imfuruka.’


Yesu aca ababwira ati: “Nta ho murasoma mu Vyanditswe havuga ngo: ‘Ibuye abubatsi bagaye ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka; ibi Uhoraho ni we yabikoze, kandi ni igitangaza mu maso yacu?’


Mbega ntimurasoma aya majambo yo mu Vyanditswe avuga ngo: ‘Ibuye abubatsi bagaye, ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka.


Ndababwire, iri jambo ryavugishijwe kuri jewe ngo: ‘Yafashwe nk’umwe mu bagarariji,’ ritegerezwa gushika. Ni ukuri, ivyanditswe kuri jewe bigira bishike.”


Ibi bishitsa ivyanditswe mu Vyagezwe vyabo bivuga ngo: ‘Banyanse ata co bampoye.’


Aca ababarira ati: “Ibi ni vyo nari narababwiye nkiri kumwe namwe, ko ivyanditswe kuri jewe vyose mu Vyagezwe ya Mose, mu vyanditswe n’abavugishwa n’Imana no muri Zaburi, bitegerezwa gushika.”


Umwami Yesu aca arahindukira, araba Petero mu maso. Petero na we aca yibuka ya majambo Yesu yari yamubwiye ati: “Uno musi nyene, isake itarabika, uza kuba umaze kunyihakana gatatu.”


Yesu arahindukira abwira abigishwa biwe ati: “Biragoye cane ko abatunzi binjira mu Bwami bw’Imana!”


Nuko Yesu abitegereza ashavuye, kandi ababajwe cane n’uko imitima yabo ikomantaye. Nuko abwira wa muntu ati: “Gorora ukuboko kwawe.” Akugoroye guca kurakira.


Yegereye Yerusalemu, yitegereza igisagara, arakiririra,


Mwubatswe kw’itanguriro ry’intumwa n’abavugishwa, Kristo Yesu akaba ari we buye rigumya imfuruka.


Nk’uko Ivyanditswe bivuga ngo: “Raba ndashira i Siyoni ibuye rigumya imfuruka, ry’igiciro kandi ryatoranijwe, uwumwizera ntazokwigera amaramara.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite