Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 2:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 maze avyara umwana wiwe w’imfura, amuzingira mu mpuzu z’uruyoya, aca amuryamika mu bwato inka ziriramwo, kuko bari babuze ikibanza mu nzu y’ingenzi.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Avyara umuhungu w’uburiza, amuzingirakw impuzu y’uruyoya, amuryamika mu bgato bg’inka, kuko bāri babuze umwanya mu ndāro.

Gade chapit la Kopi




Luka 2:7
16 Referans Kwoze  

Maze igihe gikwiye kigeze, Imana irungika Umwana wayo, avyagwa n’umugore, avukira mu vyagezwe,


Jambo yahindutse umuntu abana natwe, yuzuye ubuntu n’ukuri. Natwe twariboneye ubwiza bwiwe; ni ubwiza bw’Umwana w’ikinege akura kuri Se.


Kuko muzi ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo, ko n’aho yari umutunzi wa vyose, yigize umukene ku bwanyu kugira ngo mu bukene bwiwe mube abatunzi.


Ariko ntibigeze baryamana nk’umugore n’umugabo kugeza amaze kuvyara uwo mwana w’umuhungu; hanyuma amwita Yesu.


Yesu aramwishura ati: “Imbwebwe zirafise imyobo zibamwo n’inyoni zo mu kirere zirafise ivyari, ariko Umwana w’Umuntu ntagira n’aho akika umusaya.”


Mbega uwu si wa muhungu w’umubaji? Nyina ntiyitwa Mariya; abo bavukana si Yakobo, Yosefu, Simoni na Yuda?


Aca aramwegera, asomoza ibikomere vyiwe umuvinyu, abisiga amavuta ya elayo, hanyuma abipfukisha igitambara. Aca amushira ku ndogoba yiwe, amutwara mu nzu y’ingenzi, abandanya amwitaho.


Bakiri i Betelehemu, igihe co kwibaruka kiragera,


Muri ako karere hari abungere bama barara mu gahinga baraririye imikuku y’ibitungwa vyabo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite