Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 2:49 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

49 Yesu aramubaza ati: “Mbega mwandonderera iki? Ntimwari muzi ko ntegerezwa kuba mu nzu kwa Data?”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

49 Arababaza, ati N’iki cabateye kundondera? Ntimwari muzi yuko bikwiye ko mba kwa Data?

Gade chapit la Kopi




Luka 2:49
11 Referans Kwoze  

Kuko sinamanutse mva mw’ijuru nje gukora ivyo nshaka, ariko nazanywe no gukora ivyo uwantumye ashaka.


Kandi uwantumye ari kumwe nanje; ntiyandetse jenyene, kuko nama nkora ibimunezereza.”


Yesu arababwira ati: “Ivyokurya vyanje ni ugukora ivyo uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe.


Abavyeyi biwe bamubonye baratangara cane. Nyina aramubaza ati: “Mwana wanje, ibi watugiriye ni ibiki? Twe na so tumaze imisi duhagaritse imitima cane tukurondera.”


Ariko Yesu arababwira ati: “Gushika n’ubu Data ariko arakora; kandi nanje ndiko ndakora.”


Maze Yesu yinjira mu rusengero, yirukana abadandaza n’abariko baragura bose. Ahenagura imeza z’abavunja amahera hamwe n’intebe z’abadandaza inuma.


Dutegerezwa gukora ibikorwa vy’uwantumye hakibona. Ijoro riraje, aho ata wushobora gukora.


Intahe mfise iraruta iya Yohana. Kuko ibikorwa Data yampaye gushitsa ari na vyo ndiko ndakora, bishinga intahe ko ari Data yantumye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite