Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 2:46 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

46 Haheze imisi itatu, bamusanga mu rusengero yicaranye n’abigisha b’ivyagezwe, abumviriza yongera ababaza ibibazo.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

46 Hashize imisi itatu bamubona mu rusengero, yicaye mu bigisha hagati, abumva, kand’ ababaza.

Gade chapit la Kopi




Luka 2:46
13 Referans Kwoze  

Umusi umwe Yesu yariko arigisha, kandi bamwe mu Bafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe bari ngaho; bari baje bava mu bisagara bitandukanye vy’i Galilaya, i Yudaya n’i Yerusalemu; kandi ububasha bw’Umwami Imana bwo gukiza ingwara bwari kuri Yesu.


Ariko hari Umufarisayo yitwa Gamaliyeli, yari umwigisha w’ivyagezwe, kandi yubahwa cane n’abantu bose. Arahaguruka, asaba ko bataramura gato izo ntumwa.


Kuko nk’uko Yona yamaze imisi itatu n’amajoro atatu mu nda y’ifi, ni ko n’Umwana w’Umuntu azomara imisi itatu n’amajoro atatu mu nda y’isi.


Kuva ico gihe, Yesu atangura kubwira abigishwa biwe ko ategerezwa kuja i Yerusalemu, akababazwa mu buryo bwinshi n’abakuru b’idini, n’abaherezi bakuru n’abigisha b’ivyagezwe, kandi ko azokwicwa hanyuma akazuka ku musi ugira gatatu.


Abamwumva bose baratangazwa n’ubwenge bwiwe hamwe n’inyishu ziwe.


Yesu aramwishura ati: “Wewe ko uri umwigisha yubashwe muri Isirayeli, bigenda gute ngo ntutahure ibi?


Bagomba kwigira abigisha bubashwe b’ivyagezwe, ariko ntibatahura ivyo bavuga naho babishingira intahe bashize amanga batyo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite