Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 2:38 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

38 Ako kanya nyene, ashika aho bari aca atangura gushima Imana no kubwira abari biteze ugucungurwa kwa Yerusalemu bose inkuru z’uwo mwana.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

38 Ako kanya aca araza, ashima Imana, avuga ivya Yesu, abibgira abāri barorereye ugucungurwa kw’i Yerusalemu bose.

Gade chapit la Kopi




Luka 2:38
11 Referans Kwoze  

I Yerusalemu hari umugabo yitwa Simeyoni, yari umugororotsi kandi yubaha Imana. Yari yiteze kubona ukwirurwa kwa Isirayeli, kandi Mpwemu Yera yari kuri we.


Imana ishimwe ku bw’iyi ngabire yayo y’akaburarugero!


natwe twari twizeye ko ari we yocunguye Abisirayeli. Kandi uwu ni umusi ugira gatatu ivyo bibaye.


“Amashimwe ni ay’Umwami, Imana ya Isirayeli, kuko yaje gutabara no gucungura abantu bayo.


Imana, Se w’Umwami wacu Yesu Kristo iragahezagirwa, yo yaduhezagiriye ahantu ho mw’ijuru imihezagiro y’impwemu yo mu buryo bwose muri Kristo.


Ntiyari ashigikiye abandi mu ngingo zose bafashe n’ivyo bakoze. Yava mu gisagara c’Abayuda citwa Arimataya, kandi yari yiteze ukuza kw’Ubwami bw’Imana.


Yosefu w’i Arimataya ararinda, aja kwa Pilato amusaba ikiziga ca Yesu. Uwo Yosefu yari umwubahwa mu bagize inama nkuru y’ubwoko bw’Abayuda kandi yari yiteze ukuza kw’Ubwami bw’Imana.


Kandi hariho n’uwavugishwa n’Imana yitwa Hana, mwene Fanuweli, wo mu muryango wa Asheri, yari ashaje cane. Yabanye n’umugabo wiwe imyaka indwi gusa,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite