Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 2:37 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

37 akaba yari amaze imyaka mirongo umunani n’ine ari umupfakazi. Yama mu rusengero ijoro n’umurango, akorera Imana, asenga kandi yisonzesha.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

37 kandi yamaze imyaka mirongumunani n’ine ar’ umupfakazi, ntiyava mu rusengero gusenga, yisonzesha yinginga, ku murango no mw ijoro.

Gade chapit la Kopi




Luka 2:37
16 Referans Kwoze  

Umupfakazi atagira ic’epfo ca ruguru, asigaye ari wenyene, ashira ivyizigiro vyiwe mu Mana, akama ayisenga ijoro n’umurango kugira ngo imufashe.


Pawulo na Barunaba, bamaze gusenga no kwisonzesha, baca bagena abakuru b’amashengero yose, babaragiza Umwami Yesu bari bizeye.


Bahejeje kwisonzesha no gusenga, baca babarambikako ibiganza, barabarungika.


Ivyo ni vyo imiryango yacu cumi n’ibiri yiteze kubona bishika; ni co gituma bakorera Imana n’umwete mwinshi ijoro n’umurango. Kandi ga mwami, ivyo vyizigiro nyene ni vyo bituma Abayuda banshengeza.


Ni co gituma, bahagaze imbere y’intebe y’inganji y’Imana, bayihimbariza mu rusengero ijoro n’umurango, kandi uwicaye ku ntebe y’inganji azobahisha mw’ihema ryiwe.


Uwuzonesha nzomugira inkingi mu rusengero rw’Imana yanje, kandi ntazokwigera ahava. Nzomwandikako izina ry’Imana yanje, hamwe n’iry’igisagara c’Imana yanje, ni co Yerusalemu nshasha, imanuka iva mw’ijuru ku Mana yanje; kandi nzomwandikako izina ryanje rishasha.


Baca baramubaza bati: “Ni kuki abigishwa ba Yohana, co kimwe n’ab’Abafarisayo bisonzesha kenshi bongera basenga, ariko abawe bakaguma barya bongera banywa nk’uko bisanzwe?”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite