Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 2:34 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

34 Nuko Simeyoni arabahezagira, maze abarira Mariya ati: “Uwu mwana ashizweho kugira ngo, muri Isirayeli, abantu benshi bagwe, abandi bavyuke. Azoba ikimenyetso kivuye ku Mana, ariko benshi bazomugwanya.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Simeyoni arabahezagira, abgira nyina Mariya, at’ Umve, uyu ashiriweho kugira ngo benshi mu Bisirayeli bagwe, benshi bavyuke, no kuzoba ikimenyetso kigawa,

Gade chapit la Kopi




Luka 2:34
38 Referans Kwoze  

Ariko tweho twigisha Kristo yabambwe: uwo ni igitsitaza ku Bayuda, n’ubujuju ku Banyamahanga.


Umuntu wese azogwa kuri iryo buye azovunagurika, kandi uwo rizogwako, rizomusya.”


Nibabatuka babahora izina rya Kristo, muze munezerwe kuko Mpwemu w’ubwiza ari we Mpwemu w’Imana ari kuri mwebwe.


Nta gukekeranya kuriho ko uwutanga umuhezagiro aba aruta uwuhabwa umuhezagiro.


Ni kuki bitashoboka? Kuko baguma barondera kwemerwa n’Imana mu kugerageza kwumvira ivyagezwe aho kwizera Imana. Uko ni ko batsitaye kuri rya buye ritsitaza,


Nuko ijambo ry’Imana ribandanya kwamamara, igitigiri c’abigishwa i Yerusalemu kiragwira cane, kandi n’abaherezi benshi b’Abayuda barizera.


Twasanze uwu mugabo ari inkozi y’ikibi. Agumura Abayuda aho bari kw’isi yose akabatera kugarariza. Ni we arongoye idini ry’ubuzimire ry’Abanazareti,


Bababuze baca bafata Yasoni na bamwe muri bene Data, babajana babakwega imbere y’abacamanza, basemerera bati: “Aba bagabo Pawulo na Silasi bateye imigumuko kw’isi hose, none bashitse na hano mu gisagara cacu.


Abayuda babonye ayo masinzi bagira ishari, batangura kuvuga ibinyuranye n’ivyo Pawulo yariko aravuga, banamutuka.


Abami bo mw’isi bakuye hasi, n’abatware bagiye hamwe ngo bagwanye Uhoraho n’uwo yarobanuje amavuta.’


Ivyo vyatumye Abayuda barushiriza kurondera ingene bomwica; kuko uretse kutubahiriza Isabato, yavuze ko Imana ari Se, gutyo yigira uwungana n’Imana.


Umuntu wese akora ibibi yanka umuco, kandi ntiyegera umuco kuko atinya ko ibikorwa vyiwe bibi bija ahabona.


bamubwira bati: “Nyakwubahwa, twibutse ivyo wa mubeshi yari yaravuze akiri muzima ngo: ‘Inyuma y’imisi itatu nzozuka.’


Yesu akiriko aravugana n’abantu isinzi bari aho, nyina na bene nyina baraza bahagarara hanze, bashaka kuvugana na we.


Umwana w’Umuntu na we aza arya kandi anywa, baca bavuga bati: ‘Ni umukunzi w’inda kandi ni imborerwa, agendana n’abatozakori n’abandi banyavyaha.’ Ariko icerekana ko ubwenge bugororotse ni ibikorwa vyabwo.”


Uwo Melekisedeki yari umwami w’i Salemu, akaba n’umuherezi w’Imana Musumbavyose. Igihe Aburahamu yari atabarutse ahejeje kunesha ba bami, Melekisedeki yaje guhura na we aramuhezagira.


Ariko twashaka kukwiyumvira utubwire ivyo wizera, kuko turazi ko ahantu hose bavuga nabi uwo mugwi w’idini urimwo.”


Ivyo bizotuma ivyiyumviro vyo mu mitima ya benshi bija ahabona. Kandi nawe nyene, inkota izogusogota mu mutima.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite