Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 2:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Urwo rwari urusansuma rwa mbere rubaye kandi ico gihe Kuriniyusi yatwara intara ya Siriya.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Ukwo ni kwo kwandikwa kwa mbere kwabayeho Kureniyo akir’ icēgēra ca Kayisari i Siriya.

Gade chapit la Kopi




Luka 2:2
9 Referans Kwoze  

Mu mwaka ugira cumi na gatanu Kayisari Tiberiyo ari ku ngoma i Roma, Pontiyo Pilato yari icariho ciwe i Yudaya, Herode Antipa yari umuganwa atwara intara ya Galilaya, uwo bavukana Filipo yatwara intara za Ituraya na Tirakoniti, Lusaniya na we yatwara intara ya Abilene,


Umwami, umukuru w’intara na Berenise n’abari bicaranye na bo baca barahaguruka, baragenda.


Jewe Kilawudiyo Lusiyasi, Ndabaramukije nyakwubahwa Felisi, umukuru w’intara.


Igihe Galiyo yatwarira Kayisari muri Akaya, Abayuda bahuje umutima n’inama kugwanya Pawulo, bamutwara ku bacamanza


yagendanira Serejiyo Pawulo, icariho ca Kayisari; uwo yari umuntu w’umunyabwenge. Nuko Serejiyo Pawulo atumako Baranaba na Sawuli, kugira ngo yumve ijambo ry’Imana.


Inyuma yaho, Yuda Umunyagalilaya yaje mu misi y’urusansuma, arongoye umugwi w’abantu batera umudurumbanyo. Na we nyene yarishwe, abamukurikira barasanzara.


Nuko inkuru ziwe zikwiragira hose, gushika no muri Siriya. Bamuzanira abarwayi bose: abafise ububabare butandukanye, ababoshwe n’abadayimoni, abarwaye intandara, hamwe n’abatikakaza kubera bababara mu mubiri; bose arabakiza.


Muri iyo misi, Kayisari Ogusito, umwami w’abami w’Abaroma, asohora itegeko ko haba urusansuma rw’abantu bose baba mu bwami bw’Abaroma.


Nuko abantu bose baja mu bisagara bavukiyemwo kwisansumisha.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite