18 kandi abavyumva bose vyarabatangaza cane.
18 Abavyumvise bose batangazwa n’ivyo ba bungere bababgiye.
Abantu bose baratangara cane, babwirana bati: “Ijambo ry’uwu muntu rirakomeye! Rifise ububasha n’inkomezi, kuko n’impwemu mbi na zo arazitegeka zikamwumvira, zigasohoka!”
Abamwumva bose baratangazwa n’ubwenge bwiwe hamwe n’inyishu ziwe.
Abavyeyi b’uwo mwana batangazwa cane n’ayo majambo amuvuzeko.
Bamubonye baca babwira bose ivyo babwiwe kuri uwo mwana,
Ariko Mariya we, yaguma azigama ayo majambo yose mu mutima wiwe, akayiyumvirako cane.