6 Nuko aca arururuka ningoga, amwakira iwe yuzuye umunezero.
6 Yururuka vuba, amwākīrana akanyamuneza.
Mu nyuma Lewi ategurira amazimano Yesu i muhira iwe, atumira n’abatozakori benshi n’abandi bantu, baraza basangira na bo.
Nuko abajana iwe, arabagaburira, kandi we n’abo mu nzu yiwe bose buzura umunezero kuko bari bizeye Imana.
We n’abo mu nzu yiwe bamaze kubatizwa, aca aradutumira iwe avuga ati: “Nimba mubona ko ndi uwizera Umwami Yesu, nimuze mube iwanje.” Nuko aratugobera gushika twemeye.
Nuko abizeye ayo majambo ya Petero barabatizwa, abashika ibihumbi bitatu biyongera ku gitigiri c’abizera.
Baca bagenda bihuta, basangaho Mariya na Yosefu, n’umwana aryamye mu bwato inka ziriramwo.
Yesu ahashitse, ararangamiza, amubwira ati: “Zakayo, ururuka ningoga, kuko uwu musi nyene nkwiye kurara iwawe.”
Ababibonye bose batangura kwidodomba bati: “Agiye kurara mu nzu y’umunyavyaha!”