Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 19:47 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

47 Imisi yose Yesu yama yigishiriza mu rusengero. Ariko abakuru b’abaherezi, abigisha b’ivyagezwe n’abatware b’Abayuda baho bose bagumye barondera ukuntu bomwica.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

47 Kandi yigishiriza mu rusengero imisi yose. Arikw abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe n’abantu bakuru‐bakuru bo mur’ ubgo bgoko barondera ingene bomwica,

Gade chapit la Kopi




Luka 19:47
17 Referans Kwoze  

Abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyanditswe bavyumvise baca batangura kurondera ingene bomwica. Ariko baramutinya kuko abantu bakunda cane inyigisho ziwe.


Hanyuma Yesu abwira ba bantu benshi baje kumufata ati: “Mbega mbaye umugumutsi, aho muza kumfata mwitwaje inkota n’amahiri? Ni kuki mutamfatiye mu rusengero kandi ari ho nama imisi yose nigisha?


Yesu aramubwira ati: “Imisi yose navuganye n’abantu bose ku mugaragaro. Nigishirije mu masinagogi no mu rusengero, aho abantu bakoranira. Nta kintu na kimwe navuze ninyegeje.


Nuko bagerageza kumufata kandi, ariko arabacika.


Bamwe muri bo bashaka kumufata, ariko nta n’umwe yubahutse kumukozako ukuboko.


Mbega Mose ntiyabahaye Ivyagezwe? Ariko nta n’umwe muri mwebwe avyubahiriza. Ni kuki mushaka kunyica?”


Ico gihe hari hasigaye imisi ibiri ngo Umusi Mukuru wa Pasika n’Umusi Mukuru w’Imikate Itarimwo Umwambiro ishike. Kandi abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe bariko barondera akaryo ko gufata Yesu mu kinyegero kugira ngo bamwice.


Nuko abakuru b’abaherezi, abigisha b’ivyagezwe n’abakuru b’ubwo bwoko barondera ingene bomufata kuko bari batahuye ko ari bo yariko aravuga muri uwo mugani. Ariko barabitinya kubera abantu, baca bamusiga aho baragenda.


Yesu aca asubira mu rusengero hanyuma atangura kwigisha, abakuru b’abaherezi n’abakuru b’Abayuda baza aho ari baramubaza bati: “Ni ubuhe bubasha butuma ukora ivyo? Ni nde yabuguhaye?”


Imisi yose namana namwe mu rusengero nigisha, ariko ntimwigeze mumfata. Ariko ibi bibaye kugira ngo Ivyanditswe bishike.”


Ariko ntibaronka aho bamuca kuko abantu bose bakunda cane kwumviriza inyigisho ziwe.


Abigisha b’ivyagezwe n’abakuru b’abaherezi barondera ingene bomufata ubwo nyene, kuko bari batahuye ko ari bo ariko aravuga muri uwo mugani, ariko batinya abantu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite