34 Baca bishura bati: “Umwami arayikeneye.”
34 Barabishura, bati Databuja ni we ayigomba.
Abigishwa ntibatahuye ubwo nyene ibiriko biraba. Ariko Yesu amaze kwinjira mu bwiza bwiwe, ni ho bibuka ko ivyo bamukoreye vyari vyaranditswe kuri we.
Murazi ko ata gishobora guhindura Ivyanditswe. None nimba ababwiwe iryo jambo biswe ‘imana,’
Kuko muzi ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo, ko n’aho yari umutunzi wa vyose, yigize umukene ku bwanyu kugira ngo mu bukene bwiwe mube abatunzi.
Bakiriko barayizitura, nyeneyo arababaza ati: “Ni kuki muzitura iyo ndogoba?”
Baca bayizanira Yesu, bayisasako impuzu zabo, bayimwicarikako.