Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 19:28 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

28 Yesu ahejeje kuvuga ivyo, aca arabandanya aduga i Yerusalemu.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

28 Yesu ahejeje kuvuga ivyo, aja imbere, adūga aja i Yerusalemu.

Gade chapit la Kopi




Luka 19:28
9 Referans Kwoze  

Igihe ciwe co kuduzwa mw’ijuru cegereje, Yesu afata ingingo yo kuja i Yerusalemu.


Nuko rero, ko Kristo yababajwe mu mubiri, namwe mwamane uwo mutima, igihe cose mwame mwiteguriye kubabazwa nk’uko yababajwe. Kuko uwumaze kubabazwa mu mubiri ahorwa Kristo aba atakiganzwa n’icaha.


Duhange amaso Yesu Kristo, we yatanguje ukwizera kwacu akaba ari na we agushitsa ku gutungana. Umunezero yashizwe imbere ni wo watumye yihanganira umusaraba n’isoni zawo. Ubu yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’intebe y’inganji y’Imana.


Hanyuma Yesu aca yihereranya bamwe cumi na babiri, arababwira ati: “Ehe tugira tuduge i Yerusalemu, aho Ivyanditswe n’abavugishwa n’Imana vyose ku Mwana w’Umuntu bizomushikirako.


Hari umubatizo ntegerezwa kubatizwa, kandi mpagaritswe umutima na wo kugeza ndawubatijwe.


Yesu aca abwira Petero ati: “Subiza inkota mu rwubati. Mbega sinkwiye kunywa ku gikombe c’umubabaro Data yampaye?”


Mu kumwishura ico kibazo, Yesu amubwira ati: “Habaye umugabo w’Umuyuda yariko aramanuka ava i Yerusalemu aja i Yeriko, hanyuma agwa mu maboko y’abambuzi. Bamwambura ivyo yari afise vyose, baramukubita, bamusiga ari hafi gupfa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite