Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 18:43 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

43 Ako kanya nyene aca arahumuka, akurikira Yesu ashima Imana. Abari aho bose babibonye bashima Imana.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

43 Aca ahumūka buno nyene, amukurikira ahimbaza Imana: abantu bose babibonye bashima Imana.

Gade chapit la Kopi




Luka 18:43
30 Referans Kwoze  

Maze bahimbaza Imana ku bwanje.


kugira ngo ubugurure amaso, bave mu mwijima baje mu muco, ubakure mu bubasha bwa Satani ubazane ku Mana, baharirwe ivyaha vyabo, maze bahabwe ikibanza mu bejejwe babihawe no kunyizera.’


Bavyumvise ntibagira ico basubizayo, ahubwo bashima Imana, bavuga bati: “Erega noneho Imana ihaye Abanyamahanga na bo akaryo ko kwihana ivyaha vyabo ngo baronke ubugingo budashira.”


Nuko babanza kubatera ubwoba cane, hanyuma barabarekura barataha. Ntibaronse ingene bari bubahane kubera abari aho bose bariko bashima Imana ku vyari vyabaye.


Avuze ivyo, abamugwanya bose baramaramara. Ariko abandi bose bari banezerejwe cane n’ibitangaza yariko arakora.


Abari ngaho bose baratangara cane kandi bagira n’ubwoba, bahimbaza Imana bavuga bati: “Uwu musi amaso yacu abonye ibitangaza!”


Yesu aramwegera, ahagarara i ruhande yiwe, akankamira ubwo bushuhe, buca burahera. Ako kanya nyene aca arahaguruka, arabazimana.


Maze impumyi n’abacumbagira baraza baramwegera mu rusengero, arabakiza.


impumyi zirahumuka, ibimuga biragenda, abanyamibembe barahumanuka, ibipfamatwi birumva, abapfuye barazuka, kandi aboro barabwirwa ubutumwa bwiza.


Abantu babibonye, bagira ubwoba, hanyuma bahimbaza Imana yahaye umuntu ububasha bungana gutyo.


Ariko mweho muri ubwoko bwatoranijwe, abaherezi b’Umwami, ihanga ryejejwe Imana yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ryayo, yo yabahamagaye ikabakura mu mwijima, ikabazana mu muco wayo utangaje.


Yegereye ahari inzira imanuka iva ku Musozi wa Elayono, isinzi ry’abigishwa biwe batangura guhimbaza Imana n’akanyamuneza kenshi n’amajwi arenga, kubera ibitangaza vyinshi bari bamaze kubona, bavuga bati:


Abari ngaho bose batangazwa cane n’ububasha bukomeye bw’Imana. Bagitangajwe n’ivyo yari ahejeje gukora, Yesu abwira abigishwa biwe ati:


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite