Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 18:22 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Yesu yumvise iyo nyishu aca amubwira ati: “Hari ikintu kimwe ugihajije. Genda ugurishe ivyo utunze vyose, maze amahera ukuyemwo uyahe aboro; ni ho uzoronka ubutunzi mw’ijuru. Hanyuma uce uza unkurikire.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Yesu avyumvise aramubgira, ati Na non’ uhajije kimwe; shōra ivy’ ufise vyose, ugabire aboro, ni ho uzogira itunga mw ijuru, utek’ uze, unkurikire.

Gade chapit la Kopi




Luka 18:22
16 Referans Kwoze  

Nimugurishe ivyo mutunze, mubihe aboro. Mwironderere imifuko ibika amahera itazoshira, n’ubutunzi budahera bwo mw’ijuru, aho abasuma badashika, n’imiswa itazobwonona.


Yesu aramwishura ati: “Nimba ugomba kuba uwutunganye rwose, genda, ugurishe ivyo utunze vyose, maze amahera ukuyemwo uyahe aboro; ni ho uzoronka ubutunzi mw’ijuru. Hanyuma uce uza unkurikire.”


Umve ndababwire: Ubutunzi bwanyu bwo mw’isi nimubukoreshe mu kwironderera abagenzi, kugira ngo nibwahera muzokwakirwe mu mazu y’ibihe bidashira.


Hari ikintu kimwe gusa gikenewe kuruta ibindi. Mariya yahisemwo ikintu ciza, kandi ntazocakwa.”


Ariko ntimwibagire iki kimwe, bakundwa: Ku Mwami umusi umwe ni nk’imyaka igihumbi, n’imyaka igihumbi ni nk’umusi umwe.


Bene Data, siniyumvira ko maze gufata ico ndondera. Ariko, ico nkora ni iki kimwe: Nibagira ivyarenganye, ngakurikira ibiri imbere.


Yongera kubabwirira bose hamwe ati: “Uwugomba kunkurikira, ni yihebe, yikorere umusaraba wiwe ku musi ku musi, ankurikire.


Na we yishura ati: “Ayo yose nayakurikije kuva nkiri muto.”


Wa muntu avyumvise arababara cane kuko yari atunze cane.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite