21 Na we yishura ati: “Ayo yose nayakurikije kuva nkiri muto.”
21 Aramubgira, at’ Ivyo vyose naravyitondeye, mpereye mu buto bganje.
ku vyerekeye ishaka, nahama ishengero, kandi ku vyerekeye ukugororoka kuzanwa n’ivyagezwe, nta mugayo wambonekako.
Ndababwire ukuri, no mw’ijuru haba umunezero mwinshi iyo umunyavyaha umwe yihanye gusumba uwo bagirira abagororotsi mirongo icenda n’icenda badakeneye kwihana.
ariko uwo muhungu aramwishura ati: ‘Data, raba iyi myaka yose maze ndagukorera, numvira amategeko yawe yose. Ariko ntiwigeze umpa n’impene ikiri nto kugira ngo nezeranwe n’abagenzi banje.
Urazi ko amabwirizwa avuga ngo: ‘Ntugasambane, ntukice, ntukibe, ntukagirize abandi ibinyoma, wubahe so na nyoko?’”
Yesu yumvise iyo nyishu aca amubwira ati: “Hari ikintu kimwe ugihajije. Genda ugurishe ivyo utunze vyose, maze amahera ukuyemwo uyahe aboro; ni ho uzoronka ubutunzi mw’ijuru. Hanyuma uce uza unkurikire.”